Fasha abo mwigana Bibiliya gutahura kamere ntangere za Yehova no kuzikenguruka
1 Mu busuku bwacu, ntitwigisha gusa abandi ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya. Turanafasha abantu kumenya Yehova uko ameze, gutahura kamere ziwe ntangere hamwe no kuziha agaciro. Igihe abantu b’inziraburyarya bamenye ukuri kwerekeye Imana, kuragira ikintu gikomeye guhinduye kuri bo, kugatuma bagira ivyo bahinduye mu buzima bwabo “kugira ngo [ba]gende nk’uko bibereye ab’Umwami wacu, [ba]munezereza muri vyose”.—Kol. 1:9, 10; 3:9, 10.
2 Ca gikoresho cacu gishasha gifasha kwiga: Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, kuva mu ntango kirakwegera ivyiyumviro kuri kamere za Yehova. Ikigabane ca mbere kirishura ibi bibazo: Imana yoba ikubabaye koko?, Imana imeze gute?, Vyoba bishoboka ko umuntu yiyegereza Imana?. Ico kigabane kirashimika kandi ku bweranda bwa Yehova (ing. 10), ku butungane bwiwe n’imbabazi ziwe (ing. 11), ku rukundo rwiwe (ing. 13), ku bubasha bwiwe (ing. 16), ku kigongwe ciwe, ku buntu bwiwe, ku kuntu agabirije guharira, ku kwihangana kwiwe be no ku kudahemuka kwiwe (ing. 19). Ingingo ya 20 ica ivuga mu ncamake iti: “Uko uzorushiriza kumenya ivyerekeye Yehova, ni ko uzorushiriza kubona ko abaho koko, ukanarushiriza kugira imvo zumvikana zo kumukunda no kwumva ko umwiyegereje”.
3 Dushobora gute none gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gufasha abo twigana Bibiliya kwiyegereza Yehova? Tumaze kurimbura ingingo ishimika kuri imwe muri kamere z’Imana, twoshobora kubaza uwo twigana duti: “Ibi bikubwira iki ku kuntu Yehova ubwiwe ameze?”, canke tukamubaza duti: “Ibi vyerekana gute ko Imana ikwitaho wewe ubwawe?”. Mu kuza turacishamwo tugakoresha ibibazo nk’ivyo igihe turiko turiga n’abatohoji, turabigisha kuzirikana ku vyo bariko bariga, tukanabafasha kurushiriza gutahura kamere ntangere za Yehova no kuzikenguruka.
4 Koresha rwa ruzitiro rurimwo ivyiyumviro vy’isubiramwo: Murangije ikigabane kimwekimwe cose, saba uwo mwigana kugira ico avuze mu majambo yiwe bwite ku ciyumviro kimwekimwe cose mu biri mu ruzitiro ruvuga ngo “Ivyo Bibiliya yigisha”. Niwerekeze ivyiyumviro vyiwe ku vyanditswe vyatanzwe. Kugira umenye iryo umutohoji agona, woshobora rimwe na rimwe kumubaza uti: “Ubona gute ivyo Bibiliya yigisha kuri ico ciyumviro?”. Ubigenjeje gutyo, ntuba ushimitse gusa ku vyiyumviro nyamukuru vyo mu kigabane, ariko kandi uramenya neza ivyo umutohoji yemera. Ivyo bizofasha uwo mutohoji gutangura kugiranira ubucuti na Yehova.