ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/06 rup. 1
  • Twigane Yehova, ya ‘Mana yacu ihimbawe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twigane Yehova, ya ‘Mana yacu ihimbawe’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Twamamaza Inkuru Nziza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • ‘Imana ikunda uwutanga anezerewe’
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Hariho inkuru nziza abantu bose bakeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 7/06 rup. 1

Twigane Yehova, ya ‘Mana yacu ihimbawe’

1 Yehova ashaka vy’ukuri ko abantu baba abahimbawe. Ijambo ryiwe riratuma twitegana igishika cinshi imihezagiro myiza igitangaza abikiye abantu (Yes. 65:21-25). Abantu bakwiye kubona ko tunezerezwa no kubabwira “inkuru nziza y’ubuninahazwa bw’Imana ihimbawe” (1 Tim. 1:11, UB). Uburyo tuvuga ubutumwa bw’Ubwami bukwiye kugaragaza ko dukunda ukuri be n’uko twitwararika vy’ukuri abantu tuyaga.—Rom. 1:14-16.

2 Tuvugishije ukuri, kuguma umuntu ahimbawe birashobora rimwe na rimwe kuba urugamba. Mu vyibare bimwebimwe, usanga ari abantu bake bakira neza ubutumwa bw’Ubwami. Hari ibihe wosanga turiko duhangana n’ibintu bitoroshe mu buzima bwacu bwite. Kugira tugume tunezerewe, vyoba vyiza tuzirikanye ku kuntu bikenewe cane ko abantu bo mu cibare cacu bumva inkuru nziza y’Ubwami twamamaza bakongera bakayitahura (Rom. 10:13, 14, 17). Kuzirikana kuri ico kintu bizodufasha kubandanya kumenyekanisha tubigiranye umunezero intunganyo ziranga ikigongwe Yehova yagize kugira abantu bazorokoke.

3 Twibande ku bintu vyiza: Turakeneye kandi kwitwararika ivyo tuvuga. Naho twoshobora gutangura ikiyago mu kuvuga ingorane canke inkuru kanaka abantu bazi yavuzwe mu makuru, turakwiye kwirinda kuguma twibanda bidakenewe ku bintu bidendebura. Igikorwa twashinzwe ni ico gushira abantu “inkuru nziza [y]’ivyiza” (Yes. 52:7; Rom. 10:15). Iyo nkuru nziza ni ubutumwa bushingiye ku mihango Imana yatanze yerekeye kazoza keza igitangaza (2 Pet. 3:13). Ufise ico kintu ku muzirikanyi, nukoreshe Ivyanditswe mu “gutubika imitima imenetse” (Yes. 61:1, 2). Ivyo bizofasha umwe wese muri twebwe kuguma anezerewe no kuguma yibanda ku bintu vyizavyiza.

4 Abantu ntibazobura kubona ko duhimbawe uko tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Nimuze rero twame tugaragaza agatima nk’aka Yehova, ya ‘Mana yacu ihimbawe’, uko tubwira inkuru nziza y’Ubwami abantu bo mu cibare cacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika