Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 10 Mukakaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi na Réveillez-vous! yo muri Ruheshi. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe ivyo umuntu yokwishura ku majambo yoshobora guhagarika ikiyago avuga ngo “Twebwe dusanzwe turi abakirisu”.—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, rup. 11.
Imin. 15: Ukuntu ishengero ritunganijwe n’ukuntu rirongowe. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku kigabane ca 4 c’igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba.
Imin. 20: “Fasha abo mwigana Bibiliya gutahura kamere ntangere za Yehova no kuzikenguruka”.a Shiramwo umwerekano werekana ingene umuntu yokoresha ibibazo kugira afashe uwo bigana Bibiliya kuzirikana ku vyiyumviro vyo mu ruzitiro rw’isubiramwo ruri ku mpera y’ikigabane ca 1 c’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
Ururirimbo rwa 88 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 17 Mukakaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Ca ku mayange ibiri mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Myandagaro 2000, urupapuro rwa 32. Shimika ku vyiza biva ku kuguma dufise urutonde rwo kwama dusoma Bibiliya ku musi ku musi, naho hoba ari mu bihe vy’uburuhuko canke mu bihe aho usanga urutonde rw’ivyo twahora dukora rwahindutse.
Imin. 15: Urukundo be n’ukwicisha bugufi ni kamere zihambaye rwose mu busuku. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2002, urupapuro rwa 18-20, ingingo ya 13-20.
Imin. 20: “Twigane Yehova, ya ‘Mana yacu ihimbawe’ ”.b Saba abumviriza bagire ico bavuze ku bibafasha kuguma bafise umunezero no kuguma babona ibintu mu buryo bwiza igihe bamamaza mu cibare c’ishengero ryabo.
Ururirimbo rwa 189 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 24 Mukakaro
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Soma raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi na Réveillez-vous! yo muri Ruheshi. Umwerekano umwumwe wose urangiye, nusubiremwo amajambo umwamamaji yatanguje kugira avyurire uwo bayaga ugushimishwa.
Imin. 10: “Baratanze akarorero mu kuba intahemuka”. Insiguro irimwo ivyabonywe bikeyi vyiganywe n’abatsimvyi badasanzwe vyasohowe mu bitabu vyacu canke irimwo ukubaza ibibazo abatsimvyi abo ari bo bose boba bariko bakorana n’ishengero.—Raba igitabu Index des publications Watch Tower, munsi y’ahavuga ngo “Pionnier spécial”.
Imin. 20: Mukomere, ntimunyiganyige (1 Kor. 15:58). Baza ibibazo abamamaji, canke abatsimvyi, babiri kibure batatu bamaze imyaka myinshi barangura umurimo badahemuka. Bamenye gute ukuri? Igikorwa co kwamamaza cari cifashe gute igihe batangura kwamamaza? Ni ingorane zitoroshe izihe baciyemwo? Ni imihezagiro iyihe baronse kubera ko bagumye bashikamye ku gusenga kw’ukuri?
Ururirimbo rwa 12 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 31 Mukakaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro wo muri Mukakaro. Vuga ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Myandagaro. Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu. Nimuvuge kandi n’ivy’Ugutanga raporo y’ubusuku bwo mu ndimiro itarimwo amakosa. Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, urupapuro rwa 85-87. Shimika ku kuntu umuntu yoharura amasubirayo be n’inyigisho za Bibiliya kuri ka gakaratasi ka raporo S-4. Remesha abamamaji bose gutanga raporo badasibiriza kandi badatebaganye, mu mpera y’ukwezi kumwekumwe kwose.
Imin. 20: “Nutsimbataze utumenyero twiza maze wimbure imihezagiro myinshi”.c Saba abumviriza bagire ico bavuze ku twigoro bagize kugira bishingire urutonde rwiza rw’imirimo y’ivy’impwemu bongere bagume barukurikiza, bavuge n’imihezagiro baharonkeye.
Ururirimbo rwa 130 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 7 Myandagaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze muri make ukuntu burya buryo bwo gutanguza ibiyago bwo kurabirako duhabwa mu Gikorwa dukorera Ubwami bushobora guhuzwa n’ibikenewe mu cibare canyu.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005, rup. 8.
Imin. 15: Amakoraniro atuvyurira ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ntwarante 2002, urupapuro rwa 24-25. Shiramwo ikiganiro kigufi c’ukubaza ibibazo gishimika ku kigoro umwamamaji kanaka agira kugira ngo yitabe amakoraniro adahorereza be n’ukuntu ivyo vyamugiriye akamaro.
Imin. 20: Tube abantu bagira ivyo bahinduye kandi bahuza n’uko ibintu vyifashe mu busuku bwacu. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2005, urupapuro rwa 28-30. Mu nsiguro ishingiye ku ngingo ya 6-11, shimika ku kuntu Paulo yari umuntu yitaho ivy’abamwumviriza, ahuza n’uko ibintu vyifashe, kandi akerebutse mu kwamamaza no mu kwigisha. Nuce usaba abumviriza gutanga insasanuro ku bibazo bishingiye ku ngingo ya 12-14, berekane ingene vyoshirwa mu ngiro aho iwanyu. Shiramwo umwerekano werekana ukuntu abamamaji boshobora guhuza uburyo bwabo bwo gutanguza ibiyago n’uko ibintu vyifashe mu busuku, baravye ivyo abantu bo mu cibare canyu bakeneye, uko ivyabo vyifashe be n’imico bakuriyemwo.
Ururirimbo rwa 83 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.