Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira, koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Mwame mugavye!, Ni Ibiki Imana Idusaba?, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?, hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu mihingo imwimwe, udutabu dukurikira twoshobora kuba tubereye: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? hamwe na Un livre pour tous. Igitabu Ubumenyi kirashobora na co nyene gushikirizwa. Nyakanga: Hazokoreshwa ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Dukwiye kugira akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya tukigendera umuntu ari bwo bwa mbere. Abo tuzoba twasigiye ico gitabu bose turakwiye kuzosubira kubaraba, dufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Gitugutu: Nihashikirizwe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe hari abashimishijwe, turabasavye mubashikirize agatabu Mwame mugavye!, kugira mutume barushiriza gushimishwa na Bibiliya.
◼ Guhera muri Nyakanga, abacungezi b’imizunguruko bazoshikiriza insiguro y’icese ifise umutwe uvuga ngo “Ufise izina irihe ku Mana?”.
◼ Bisabwe ko inkaratasi abantu bujuje basaba umurimo w’ubutsimvyi busanzwe zishikirizwa ibiro vy’ishami hagisigaye n’imiburiburi imisi 30 ngo igenekerezo umuntu ashaka gutangurirako rishike. Umunyamabanga w’ishengero akwiye kubanza kwihweza izo nkaratasi kugira ngo arabe ko zujujwe neza. Nimba abasaba ubutsimvyi badashoboye kwibuka neza na neza itariki babatirijweko, bakwiye kugereranya iyo tariki, ikaba ari yo bazigama. Umunyamabanga akwiye guca yandika iyo tariki kw’Ifishi y’umwamamaji y’ishengero (S-21).
◼ Abanyamabanga b’amashengero barakwiye kuraba neza yuko bafise Ikete rigena umutsimvyi (S-202), ku bw’umutsimvyi wese ari mw’ishengero. Babonye hari iryo babuze, barasabwe kwandikira ibiro vy’ishami. Igihe umutsimvyi asanzwe ahinduye ishengero, umunyamabanga akwiye gukurikiza neza ubuyobozi butangwa inyuma kuri iryo kete.