Baratanze akarorero mu kuba intahemuka
1 Mu mwaka wa 1937 ni ho hatangura ubundi bwoko bw’umurimo w’igihe cose, uwo na wo ukaba ari umurimo w’ubutsimvyi budasanzwe. Abagabo n’abagore babishoboye bazi utuntu n’utundi mu busuku bwa gikirisu, baremeye bavyishakiye kuja gukorera aho ari ho hose ishirahamwe ribarungitse. Ubu haciye imyaka mirongo, abatsimvyi badasanzwe barabandanya gutanga akarorero dukwiye kwigana k’ukudahemuka.—Heb. 6:12.
2 Barabaye imboneza: Mu ntango, abatsimvyi badasanzwe barabaye imboneza mu gikorwa c’ukwamamaza bakoresheje icuma bagendana kirekura amajwi citwa ifono, bakakivugiriza imbere y’umuryango w’umuhana baba bagendeye. Baranakoresha ivyafashwe ku makaseti bakavyishimikiza mu biganiro bishingiye kuri Bibiliya bagiranira n’abo basubiye kugendera. Ivyo vyagirwa mu bisagara bininibinini, aho amashengero yaba amaze gushingwa. Mu nyuma, abatsimvyi badasanzwe barungikwa mu turere wasanga dukenewemwo cane abamamaji b’Ubwami. Barakurikirana abashimishijwe bose bakanarongora inyigisho za Bibiliya. Icavuye muri utwo twigoro bagiranye ubwira, ni uko amashengero mashasha amajana n’amajana yashinzwe. Kuba barumiye kuri ico gikorwa c’ukwamamaza vyaraterereye agacumu k’ubumwe kw’iyaguka ritangaje ry’ishirahamwe nk’uko turibona muri iki gihe (Yes. 60:22). Abatsimvyi badasanzwe barabandanya kugira uruhara ruhambaye mu gukwiragiza inkuru nziza “mu bāremwe bose bo musi y’ijuru”.—Kol. 1:23.
3 Barakwiriye kwiganwa: Abatsimvyi badasanzwe bamwebamwe baramaze imyaka mirongo bakora umurimo w’igihe cose. Uko imyaka yagiye irarengana, ukwizera kw’abo bagabo n’abagore b’abizigirwa kwaratyorowe biciye ku bintu bitandukanye baciyemwo (1 Pet. 1:6, 7). Baremeye guheba ubuzima bwo kudibama kugira baje gukorera ahantu hari hakenewe mu buryo budasanzwe abahakorera. Ubu bamwebamwe baritereye mu myaka bakaba bafise amagara make, canke na ho bakaba bafise izindi ngorane (2 Kor. 4:16, 17). Yamara rero, ‘no mu busaza barabandanya kwama’ (Zab. 92:14). Barizigira Yehova maze bakironkera umuhezagiro wiwe.—Zab. 34:8; Imig. 10:22.
4 Birakwiriye koko yuko dukeza n’igishika cinshi abatsimvyi badasanzwe. Nimba mw’ishengero iwanyu mwaratewe agateka mukaronka abatsimvyi badasanzwe, ntimugishe akaryo muronka ko kumarana umwanya na bo, gutyo mukungukira ku tuntu n’utundi bazi. Nimwerekane ko mukenguruka umurimo barangura ari abamamaji b’Ubwami b’intahemuka. Nimukomezwe n’ugushikama kwabo. Abigana ukwizera kwabo bose, Yehova arashobora na bo nyene kubashima akongera akabahezagira, kubera ko ‘abakorana [“ukudahemuka”, NW] bamuhimbara’.—Imig. 12:22.