Niwigane Kristu mu busuku urangura
1 Yezu yaradusigiye akarorero twokurikiza mu busuku turangura. Urukundo rugera kure yakunda Imana n’abantu rwagaragajwe mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi. Yarigishije abagwaneza ukuri yongera arakora ibikorwa biranga ubuntu mvarukundo ku neza y’abari bigorewe kandi bahahazwa.—Mat. 9:35.
2 Akarorero ka Yezu be n’inyigisho ziwe: Yezu ntiyasamajwe no kwisuka mu vya politike canke gukora gusa ibikorwa vy’ubugiraneza arondera guteza imbere ikibano. Ntiyanaretse ngo ibindi bintu, naho vyoba bigizwe ku mvo nziza bimusamaze canke ngo binyohe igikorwa nyamukuru yari ajejwe (Luka 8:1). Yibanze ku kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, wo muti rudende uramba w’ingorane z’abantu. Yezu yari afise igikorwa gihambaye co gukora, kandi akagira umwanya muto wo kugikora. Igihe abantu b’i Kaperinawumu bashaka ko Yezu agumayo, yabwiye abigishwa biwe ati: “Tuje ahandi . . . na ho nyene nigisheyo, kukw ari co canzanye”.—Mrk. 1:38.
3 Yezu amaze kumenyereza abigishwa biwe, yarabarungitse abahaye aya mabwirizwa atomoye agira ati: “Mwigishe, mut’Ubgami bgo mw ijuru buri hafi” (Mat. 10:7). Yigishije abayoboke biwe yuko ivyungura Ubwami bikwiye kuja imbere y’ibindi vyose mu buzima bwabo (Mat. 6:33). Amajambo ya nyuma Yezu yabwiye abigishwa biwe imbere y’uko aduga mw’ijuru, yaratomoye ivyo botegerejwe gukora. Yavuze ati: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu”, NW] mahanga yose abigishwa”.—Mat. 28:19.
4 Ukuntu ubwo Bwami buhambaye: Ubwami bw’Imana ni co ciyumviro nyamukuru Yezu yaganirako, kandi yarahimirije abigishwa biwe kwigana akarorero kwiwe. Utwigoro abantu bagira kugira ngo batorere umuti ingorane bafise nta co dushobora kuvamwo (Yer. 10:23). Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene buzotuma izina ry’Imana riba ryeranda bwongere buzanire abantu ugutabarwa kudashira (Mat. 6:9, 10). Kwigisha ukuri kwerekeye Ubwami abantu “banihishwa n’ibizira vyose biko[rwa] . . . bikabariza”, birabafasha kubaho bahimbawe, baroraniwe muri iki gihe bakongera bakagumya icizigiro ntakekeranywa ca kazoza.—Ezek. 9:4.
5 Yezu arabandanya kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, kandi aradukura amazinda yuko adufata mu mugongo (Mat. 28:20). Ubusuku turangura bukurikiza akarorero Yezu yadusigiye ku rugero rungana iki (1 Pet. 2:21)? Muri iyi misi y’iherezo ihambaye cane, nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dukurikize neza akarorero Yezu yatanze mu busuku.