Dukurikire Kristu mu kwifata mu buryo buranga icubahiro
1. Umutwe-shimikiro w’ihwaniro ry’intara ry’uno mwaka ujanye gute n’ukwifata mu buryo buranga icubahiro?
1 Bibiliya ivuga ko Segaba w’ibiriho vyose Yehova yisakaye icubahiro (Zab. 104:1). Ivyo Yezu yavuga be n’ivyo yakora, yama abigira mu buryo butera iteka Se wiwe n’indinganizo Se yashizeho (Yoh. 17:4). Mu kiringo c’Amahwaniro y’intara yataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”, umwe wese muri twebwe azoronka uturyo two kwigana Yezu yongere atume Yehova aninahazwa.
2. Kwitegura kugira tuze tube tuhari mu biringo vyose vy’ihwaniro bitera gute Yehova iteka?
2 Ugusenga kurangwa icubahiro: Turashobora gutera iteka Yehova mu gutegekanya kuzoba turi kuri ayo mazimano yo mu vy’impwemu yaduteguriye. Woba umaze kuvugana n’umukoresha wawe maze ugatunganya ivyawe kugira uzobe uhari mu misi itatu yose y’ihwaniro, ushizemwo n’umusi wa gatanu? Woba warategekanije ivyo gushika hagisigaye umwanya uhagije kugira ngo ufate ikibanza maze wifatanye n’abandi mu ruririmbo n’isengesho bitangura? Woba warategekanije ivyo kwivuna umusase uri mu kibanza kizoberamwo ihwaniro cokimwe n’abavukanyi bawe? Mu ntango y’ikiringo kimwekimwe cose c’ihwaniro, igihe umuhagarikizi adusavye abigiranye umutima mwiza gufata ivyicaro imbere yuko umuziki utangura, turakwiye guca ubwo nyene duhagarika ibiyago twarimwo, kugira ngo porogarama itangure twamaze kwicara.
3. Ugukurikira neza porogarama bihesha gute icubahiro ugusenga kwacu?
3 Gukurikira neza porogarama na vyo nyene biratera iteka Dawe wa twese wo mw’ijuru. Umwanditsi umwe, amaze kwihweza neza abari kw’ihwaniro ry’intara ryabereye mu karere yabamwo, yanditse yuko abavyitegereje bashobora kuba barakozwe ku mutima n’ “inyifato y’akarorero y’abari ng’aho, uko bakurikira ibiriko biravugwa batekereje kandi bagaragaza ko bashize umuzirikanyi ku bintu vy’impwemu”. Yaranagize ico avuze ku bijanye “n’abana amasinzi baba bahari . . . , bose usanga bigenza neza mu buryo budasanzwe canke mbere ugasanga baguma barondera ivyanditswe muri Bibiliya Nyeranda”. Ikiringo ca porogarama, ntikiba ari igihe co kuvuga ibidakenewe, co kwandikiranira biciye kuri telefone, co kurya utuntu canke co kwigendagendera mu makoridoro. Abakiri bato bakwiye kuba bicaranye n’abavyeyi babo kugira ngo babafashe kwungukira kuri iyo porogarama (Gus. 31:12; Imig. 29:15). Utwigoro nk’utwo turerekana ko twubahiriza abandi be n’uko dukenguruka ibifungurwa ngirakamaro vyo mu buryo bw’impwemu biba biriko biratangwa.
4. Ni kubera iki dukwiye kuboneka mu buryo buranga icubahiro igihe turi kw’ihwaniro?
4 Kuboneka mu buryo buranga icubahiro: Abenshi barakengurutse ivyo bibukijwe mu nsiguro yashikirijwe kw’Ihwaniro ry’intara ry’umwaka uheze, iyari ifise umutwe uvuga ngo “Nugaragaze ibihe vyose icubahiro kiranga abakirisu”, ikaba yashimika ku vy’uko abasavyi b’Imana bakwiye gukora uko bashoboye kwose kugira ngo bagaragaze icubahiro kiranga abakirisu mu buryo bambara no mu buryo bitunganya. Uwu mwaka, turakwiye kandi gusubira gufatana uburemere ico kibazo. Uburyo tuboneka burerekana ukuntu twiyumva ku bijanye na Yehova be no ku bijanye n’agateka dufise ko kuba Ivyabona vyiwe. Dukwiye kwama twambara nk’ “abavuga yuko bubaha Imana”.—1 Tim. 2:9, 10.
5. Dushobora gute kuguma tuboneka mu buryo buranga icubahiro mu gihe c’ukwiruhura turi mu gisagara cabereyemwo ihwaniro?
5 Twoba dukwiye kuboneka mu buryo buranga icubahiro igihe gusa turiko turakurikira porogarama? Uribuka yuko abantu benshi bazotwihweza twambaye twa dukarata karanzi tw’ihwaniro igihe tuzoba turi mu gisagara ryabereyemwo. Uburyo tuboneka bukwiye gutuma dutandukana n’abandi bantu muri rusangi. Ku bw’ivyo, no mu gihe c’ukwiruhura, nk’iyo tugiye kurondera utwo dufungura porogarama irangiye, turakwiye kwambara mu buryo bubereye abasuku bari muri ico gisagara baje kwitaba ihwaniro rya gikirisu. Ntidukwiye kwambara amakoboyi, amakabutura canke udupira. Mbega intahe nziza ivyo bizoshinga ku bantu b’aho! Yehova arahimbarwa igihe uburyo tuboneka bugaragaza uruhara dufise rwo kuba abasuku.
6. Ni ivyiza ibihe vyavuye mu kugaragaza icubahiro kiranga abakirisu?
6 Biravamwo ivyiza: Kugaragaza icubahiro kiranga abakirisu igihe turi ku mahwaniro biratanga uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye, bikanatuma abatubona batwiyumvira neza. Igihe kimwe ihwaniro riheze, hari umutegetsi yavuze ati: “Ntitwari bwigere tubona abantu bigenza neza gutyo! Mumeze nk’uko Imana igomba ko tumera”. Kugaragaza icubahiro birerekana ko twubahana, kandi ko dukundana bikongera bikaninahaza Yehova (1 Pet. 2:12). Birerekana ko dutinya Imana be n’uko dukenguruka agateka twatewe ko kwigishwa na Dawe wa twese (Heb. 12:28). Ese twokwihatira kugaragaza icubahiro mu gihe turindiranye igishika Ihwaniro ry’intara ryo muri uyu mwaka ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”.