ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/07 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 4/07 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ndamukiza na Rusama: Umunara w’Inderetsi uri kumwe na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo abitaba Icibutso gusa canke abitaba Icibutso n’ayandi maporogarama ya gitewokarasi ariko bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, murihatire gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ruheshi: Igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? canke igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Igitabu Ubumenyi na co nyene coshobora gushikirizwa. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 koshobora gukoreshwa: Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Mwame mugavye!, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu bice bimwebimwe vy’icibare, udutabu dukurikira twoshobora kuba tubereye: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye-Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Inzira ijana mu buzima budahera—Woba warayitoye?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? be na Un livre pour tous.

◼ Abanyamabanga b’amashengero bakwiye kuguma bafise inkaratasi zihagije zo Gusaba umurimo w’ubutsimvyi busanzwe (S-205) be n’iz’Ugusaba umurimo w’ubutsimvyi bw’ugufasha (S-205b). Izo nkaratasi zoshobora gusabirwa kuri rwa rukaratasi rwo gusabirako ibisohokayandikiro (S-14). Nimugume mufise n’imiburiburi izikwiranye n’umwaka wose. Imbere yo kurungika inkaratasi zo gusaba umurimo w’ubutsimvyi busanzwe ku biro vy’ishami, murabanze murabe ko zujujwe neza ata kibazo na kimwe gisimbwe.

◼ Birakenewe ko ibiro vy’ishami biguma bifise aderese be n’inomero za telefone vya vuba vy’abacungezi bahagarikizi bose n’abanyamabanga bose. Igihe cose hari igihindutse, Komite y’umurimo y’ishengero ikwiye kwuzuza idatevye ka gakaratasi k’Ihinduka rya aderese y’umucungezi muhagarikizi canke y’umunyamabanga (S-29), ikagaterako umukono, maze ikakarungikira ibiro vy’ishami. Ivyo birerekeye kandi ihinduka iryo ari ryo ryose ry’aho baba.

◼ Igihe cose hari abategekanya gufata urugendo ku giti cabo bakaba bategekanya no kwitaba amakoraniro y’ishengero, iteraniro canke ihwaniro ry’intara bibera mu kindi gihugu, amakuru yerekeye amatariki, amasaha be n’aho bizobera bitegerezwa gusabwa ku biro vy’ishami bihagarikiye igikorwa muri ico gihugu. Aderese z’ibiro vy’amashami uzisanga ku rupapuro rwa nyuma rw’igitabu c’umwaka (Annuaire) kigezweko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika