Turangure igikorwa dukorera Ubwami turi Ivyabona vya Yehova
1 Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova turafise agateka gahambaye kuruta utundi twose ngaha kw’isi. Duserukira Yehova mu rubanza ruraba ibiremwa vyose aho Yehova aburanya abo bose basengwa nk’imana (Yes. 41:1, 23; 43:12). Kugira ngo Yehova adufashe kuburanira neza icizigiro cacu, yaraturonkeje ububiko bunihiriye ibitabu (1 Pet. 3:15). Ca gitabu c’ironderero Index des publications Watch Tower ni igikoresho gihambaye kidufasha kuronka amakuru tuba dukeneye. Kumenyera neza ibice bimwebimwe nyamukuru vyaco, bizodufasha kurushiriza kuba abahanga mu vyo kugikoresha.
2 Twese dukwiye kuba tuzi neza umutwe uvuga ngo “ Jéhovah ” (Yehova). Muri ico gitabu c’ironderero, ugiye munsi y’uwo mutwe, woba ushobora kubona amarabiro asigura igituma Yehova abaye arareka ikibi kikabandanya? Urashobora kandi kubona agatwe kanditswe mu ndome zizize kavuga ngo “ Nom ” (Izina) muri Index yo mu 1950-1985 be no muri Index ya vuba. Amarabiro yerekeye ikintu cose casohowe kivuga ivy’izina rya Yehova usanga ari munsi y’ako gatwe.
3 Uwundi mutwe uhambaye cane ni uwuvuga ngo “ Les Témoins de Jéhovah ” (Ivyabona vya Yehova). Uwo mutwe urimwo amarabiro avuga ivyerekeye Ivyabona vya Yehova uko bagize ishirahamwe. Woba uzi impagararo yacu ku bijanye no kwiga amashure ahanitse, ku bijanye n’ubuhinga bwo gusuzuma icishe umuntu, ku bijanye no kwica uwundi kugira wikingire, canke ku bijanye n’imigambi ya Leta yo gufasha abanyagihugu? Amarabiro ajanye n’ivyo bibazo uyasanga munsi y’agatwe gatoyi kavuga ngo “ comportement à l’égard — ” (ukuntu babona ivyerekeye). Ubandanije gatoyi uhasanga urutonde rwerekana kahise k’Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu bitandukanye be n’urutonde rurerure rw’ibintu abantu bavuze ku Vyabona vya Yehova ruri munsi y’agatwe kavuga ngo “ Citations ” (Ivyo abandi babavuzeko).
4 Inkuru z’ubuzima z’abasavyi ba Yehova b’intahemuka ni isoko ry’indemesho kuri twebwe kandi ziratwigisha. Zirashobora kudufasha gushinga mu bana bacu be no mu bo twigisha Bibiliya umushinge ukomeye wa kazoza. Munsi y’agatwe kavuga ngo “ Récits de la vie de Témoins de Jéhovah ” (Inkuru z’ubuzima bw’Ivyabona vya Yehova), izo nkuru z’ubuzima usanga zitondetswe hakurikijwe amazina y’umuntu umwumwe be n’umutwe w’ikiganiro bijanye. Udutwe dutoyi dukurikira twerekana ukuntu Index ishobora kudufasha mw’ishengero, mu muryango be no mu ndimiro.
5 Mw’ishengero. Yehova abicishije kuri Yezu Kristu, we Mutwe w’ishengero rya gikirisu, yarashinze amabanga wa “mubgiriza wo kwizigirwa” ari we muhagarikizi w’urugo (Luka 12:42, 43). Iyo ndinganizo yatumye bishoboka ko turonka ubuyobozi bwanditse bwerekana ukuntu ‘dukwiye kwigenza mu ngoro y’Imana’ ari yo rugo rwayo (1 Tim. 3:15). Igikoresho nyamukuru kidufasha kurondera ivyo bintu vyanditswe ni ca gitabu c’ironderero Index des publications Watch Tower. None ico gitabu gishobora kugufasha gute?
6 Woba uri umukurambere? Hariho imitwe ibiri ivuga ibijanye n’amabanga ujejwe. Hari uwuvuga ngo “ Anciens ” (Abakurambere) be n’uwuvuga ngo “ Surveillants ” (Abacungezi). Uwo mutwe uvuga ngo “Abakurambere” urimwo amarabiro menshi akwerekeza ku makuru ajanye no gufasha abagize ishengero batandukanye, ayajanye n’ukuntu wotanga impanuro, ukuntu wokorana neza n’inama y’abakurambere be n’ayajanye n’amabanga abakurambere bajejwe, n’ibindi n’ibindi. Amarabiro avuga ibisabwa kugira ngo umuntu abe umukurambere uyasanga munsi y’umutwe uvuga ngo “Abacungezi”, kanatsinda iyo ni yo mvugo Bibiliya ikoresha igihe ivuga ibijanye n’ivyo bintu bisabwa. N’ikindi kandi, munsi y’uwo mutwe uvuga ngo “Abacungezi” uhasanga ibijanye n’amabanga barangura, nk’ukuba “umucungezi muhagarikizi”, “umucungezi w’umurimo” be n’ “umunyamabanga”. Umutwe uvuga ngo “ Congrégations ” (Amashengero) na wo nyene urimwo amakuru yokugirira akamaro.
7 Na mwebwe bakozi b’ishengero murarangura uruhara ruhambaye mw’ishengero. Umutwe uvuga ngo “ Assistant ministériel ” (Umukozi w’ishengero) urimwo amakuru yerekana ivyo musabwa be n’amabanga mujejwe. Urahasanga kandi amarabiro arimwo amayagwa yerekana igituma uduteka tw’umurimo tubarindiriye duhambaye be n’ukuntu mwoshikira amabanga yiyongereye.
8 Kirafitiye umuryango akamaro. Muri 1 Timoteyo 5:4 havuga ivyerekeye abagize umuryango hati: “Ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo”. Mu vy’ukuri, kwubaha Imana mu vyo dukorana n’abagize umuryango ni ikintu dukwiye kwiga. Kugira tubishobore turakeneye ubuyobozi buva ku Mana narirya kwitwararika abagize umuryango ari kimwe mu vyo twebwe abakirisu dusabwa. Ca gitabu c’ironderero Index des publications Watch Tower kirashobora kudufasha kuronka ubuyobozi ku bijanye n’ibintu bitandukanye bishika mu muryango.
9 Umuryango ubaho igihe umugabo n’umugore bubakanye (Ita. 2:24). Woba uriko uriyumvira ata gufyina ibijanye n’ukwubaka? Ugiye munsi y’umutwe uvuga ngo “ Marriage ” (Umubano) urahasanga agatwe gatoyi kavuga ngo “ choix d’un conjoint ” (guhitamwo uwo muzokwubakana). Ico gitabu Index kirimwo kandi agatwe gatoyi kavuga ngo “ rôle de la femme ” (uruhara rw’umukenyezi) be n’akavuga ngo “ rôle du mari ” (uruhara rw’umunega), kamwekamwe kose muri utwo kakaba kerekana amarabiro arimwo amakuru yoshobora kuba ngirakimazi ku bipfuza kwubaka canke ku bamaze kwubaka. Vyongeye, udutwe dutoyi nk’utu tuvuga ngo “ communication ” (guseruranira akari ku mutima), “ intimité ” (ubucuti somambike) be n’akavuga ngo “ paix ” (amahoro) turerekana amayagwa ashobora kugirira akamaro umubano. Igihe havyutse ingorane, agatwe kavuga ngo “ problèmes ” (ingorane) karashobora kukuronsa impanuro ngirakimazi zerekana ukuntu wotorera umuti izo ngorane.
10 Abana ni ingabire iva kuri Yehova (Zab. 127:3). Abavyeyi bashobora gute kurera abana babo “[ba]bahana [ba]bahanūra uk’Umwami wacu agomba” (Ef. 6:4)? Ubuyobozi Yehova atanga abicishije kw’Ijambo ryiwe be no kuri wa mugwi w’umushumba wo kwizigirwa burahambaye cane. Abavyeyi barakeneye gutahura neza ukuntu abana babo biyumva be n’ivyo bakeneye. Impanuro be n’ivyiyumviro ngirakimazi boshobora kubisanga muri ca gitabu Index munsi y’umutwe uvuga ngo “ Enfants ” (Abana) be n’uwuvuga ngo “ Jeunes gens ” (Urwaruka). Tuvuge iki ku bijanye no kwinjiza Ivyagezwe vya Yehova mu mitima y’abana ata co iramenya? Umutwe uvuga ngo “ Éducation au foyer ” (Gutoza indero abana) werekeza ku biganiro biranga ubukerebutsi vyerekeye umuce uwo ari wo wose ujanye n’ukurera abana, harimwo n’ukubafasha kugiranira ubucuti na Yehova be no kubafasha kuronderana igishika ukuri.—1 Pet. 2:2. Gutegekanya imbere y’igihe kugiranira ibiyago bishingiye kuri Bibiliya mu muryango, birakenewe kugira ngo umuryango wanyu uroranirwe (Gus. 6:6-9; Yes. 54:13; Ef. 5:25, 26). Amarabiro yerekeza ku vyiyumviro bijanye n’ukuntu abagize umuryango bogiranira ibiyago biteye umunezero, umuntu ashobora kuyasanga munsi y’umutwe uvuga ngo “ Famille ” (Umuryango). Muri Index ya vuba, agatwe gatoyi kavuga ngo “ étude biblique ” (inyigisho ya Bibiliya) gafise utundi dutwe dutoyi nk’akavuga ngo “ la rendre agréable ” (gutuma iryoha), be n’akavuga ngo “ la rendre efficace ” (gutuma iba kirumara).
11 Mu ndimiro. Urukundo dukunda Yehova na bagenzi bacu ruratuvyurira umutima wo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Mu gihe dushigikiye ukuri tubigiranye ubuhanga, turashobora gukuraho “impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana” (2 Kor. 10:5). Igitabu Index des publications Watch Tower cagenewe kudufasha muri ivyo.
12 Umutwe nyamukuru werekana amarabiro ajanye n’igikorwa co kwamamaza turangura, uvuga ngo “ Ministère du champ ” (Ubusuku bwo mu ndimiro). Umuce wose ujanye n’ubusuku turangura uradondorwa munsi y’uwo mutwe, hakaba kandi havugwa ibijanye n’inyifato yacu bwite, ukuntu twotanguza ibiyago, ukuntu twotsinda amajambo yohava ahagarika ibiyago, ukuntu twoshikiriza ibisohokayandikiro, ukuntu twogira amasubirayo be n’ukuntu tworongora inyigisho za Bibiliya. Woba ushaka gutanga akarorero wisunze ibintu nka bingahe vyabaye? Ivyo ukeneye ushobora kubisanga munsi y’agatwe kavuga ngo “ Rapports ” (Ivyabonywe).
13 Woba wipfuza cane gutanguza inyigisho ya Bibiliya? Canke, woba ufise inyigisho idatera imbere? Munsi y’umutwe uvuga ngo “ Études bibliques ” (Inyigisho za Bibiliya) hariho udutwe dutoyi tuvuga ngo “ commencer ” (gutangura), “ aider les étudiants ” (gufasha abatohoji) be n’akavuga ngo “ enseigner ” (kwigisha). Kamwekamwe kose gafise amarabiro ashobora kugufasha kuronka no kuyobora inyigisho za Bibiliya zitera imbere.
14 Kurangura igikorwa dukorera Ubwami biratuma twumva dushize akanyota rwose (Yoh. 4:34). Igitabu c’ironderero Index des publications Watch Tower kirashobora kugufasha uko ubandanya kugira uruhara muri ico gikorwa giteye umunezero be no mu yindi mice yose y’ubuzima bw’umukirisu.