ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/07 rup. 6
  • Udukuru twa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru twa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 4/07 rup. 6

Udukuru twa gitewokarasi

◼ Inyubakwa z’amashami zikurikira ziherutse kwegurirwa Imana:

Burundi: Umuvukanyi Guy Pierce wo mu Nama Nyobozi ni we yahagarikiye porogarama yo kwegurira Imana ibiro bishasha vy’ishami be n’Ingoro y’amateraniro ku wa gatandatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2006, iyo porogarama ikaba yari yitabwe n’abantu 1.141. Ku musi wakurikiye, ni ukuvuga ku w’iyinga igenekerezo rya 26 Munyonyo 2006, harabaye porogarama idasanzwe yabereye ku kibuga c’inkino kiri hafi y’aho, iyo na yo ikaba yari yitabwe n’abantu isinzi bashika ku 5.679.

Rwanda: Umuvukanyi Guy Pierce ni we yari ahagarikiye porogarama yo kwegurira Imana ibiro bishasha vy’ishami ku wa gatandatu igenekerezo rya 2 Kigarama 2006. Iyo porogarama y’iyegurwa yari yitabwe n’abantu 554. Porogarama idasanzwe yabaye ku musi ukurikira, ni ukuvuga ku w’iyinga igenekerezo rya 3 Kigarama 2006, yabereye ku kibuga c’inkino kiri hafi y’aho, ikaba yari yitabwe n’abantu isinzi bashika ku 13.292.

Uganda: Umuvukanyi Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi ni we yari ahagarikiye porogarama yo kwegurira Imana ibiro bishasha vy’ishami yabaye ku wa 20 Nzero 2007, ikaba yari yitabwe n’abantu 665. Imbere y’uko insiguro yo kwegurira Imana iryo shami ishikirizwa, umucungezi wa zone, umuvukanyi Leon Weaver Jr. wo kuri Beteli y’i Brooklyn yarashikirije insiguro iremesha yari ifise umutwe uvuga ngo “Dushigikire igikorwa ca Yehova gitera caguka”. Ku musi ukurikira, ni ukuvuga ku wa 21 Nzero 2007, harabaye porogarama idasanzwe yabereye ku kibuga c’inkino kiri mu gisagara hagati ikaba yari yitabwe n’abantu 4.915 ni ukuvuga ko bari nk’abamamaji bose bari muri Uganda ubu, wongeyeko abantu 800.

◼ Ingoro z’Ubwami zikurikira ziherutse kwegurirwa Imana:

Burundi: Gitega Centre (Ingoro y’Ubwami ya mbere mu Burundi ishobora kuza iragurwa ikaba iy’amateraniro), Mugerama, Ndaro na Remba.

Kenya: Kamuguga, Kiritiri, Mutara na Ndima-ini.

Uganda: Kyaka Bukere na Kyaka Mukondo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika