ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/07 rup. 3
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Uratumiwe n’igishika cinshi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
    Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Urutonde rushasha rw’amakoraniro y’ishengero
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Turakoranira hamwe ku bwo gusenga
    Ubwami bw’Imana buraganza!
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 5/07 rup. 3

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Ururirimbo rutangurira Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, Ikoraniro ry’umurimo, Ikoraniro ry’icese, be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi rukwiye gutanguzwa gute kandi ni nde akwiye kurutanguza?

Indirimbo zitangura zacaguwe kugira zikoreshwe mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rigirwa buri ndwi, usanga ziri ku Rutonde rw’ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ruba rugize inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu. Indirimbo zitangura be n’izisozera Ikoraniro ry’umurimo rigirwa buri ndwi ziba ziri ku rupapuro rwa 2 rw’Igikorwa dukorera Ubwami. Indirimbo zikoreshwa ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi igirwa buri ndwi na zo nyene ziri ku rupapuro rwa 2 rw’inomero imwimwe yose y’Umunara w’Inderetsi. Izo ndirimbo zacaguwe zifatwa ko ziri mu bigize ikoraniro ryose bijanye, gutyo zikaba zikwiye gutanguzwa n’umuvukanyi ayobora iryo koraniro aho gutanguzwa n’umuhagarikizi w’ikoraniro riheze.

Nk’akarorero, umucungezi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi azoha ikaze abari ng’aho, avuge ururirimbo rutangura, ayobore ishure maze ahejeje ace aha ikaze uwutangura gushikiriza ikiganiro co mw’Ikoraniro ry’umurimo kugira ngo aze ku mukiruruko. Uwo muvukanyi ashikiriza ico kiganiro co mw’Ikoraniro ry’umurimo, ni we akwiye kuvuga ururirimbo rutangurira Ikoraniro ry’umurimo.

Mu buryo nk’ubwo nyene, Ikoraniro ry’icese rizotanguzwa n’umuhagarikizi. Azoha ikaze abitavye iryo koraniro bose abigiranye igishika yongere abasabe kuririmbira hamwe ururirimbo rutangura rwacaguwe n’umushikirizansiguro. Umuhagarikizi (canke kumbure uwundi muvukanyi akwije ibisabwa yagenywe imbere y’igihe) ni we azoshikiriza isengesho ryo gutangura amakoraniro. Azoca aha ikaze uwugiye gushikiriza insiguro yongere avuge n’umutwe-shimikiro w’insiguro uwo mushikirizansiguro agiye guca irya n’ino. Insiguro irangiye, naho atari ngombwa ngo umuhagarikizi ashikirize incamake yayo, azokenguruka muri make iyo nyigisho ihejeje gutangwa. Azoca amenyesha umutwe w’insiguro y’icese izoshikirizwa mu ndwi ikurikira, hanyuma ace asaba abitavye iryo koraniro bose kuguma ng’aho kugira ngo bakurikire Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ntibizoba bikenewe ko umuhagarikizi abaza niba abari ng’aho boshima kurungikira indamukanyo zabo zirangwa urukundo ishengero umushikirizansiguro w’umushitsi yaje avamwo. Ubukurikira, umuhagarikizi azoca aha ikaze uwurongora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi kugira ngo aze ku mukiruruko.

Uwurongora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ni we azoca atanguza ururirimbo rwa mbere rujanye n’icigwa kigiye kwihwezwa. Azorongora iyo nyigisho mu buryo buhuye n’ubuyobozi bwasohowe maze ace avuga indirimbo isozera. Uwarongoye Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi akenshi ni we azoha ikaze umuvukanyi yatanze insiguro y’icese kugira ngo ature isengesho ryo gusozera.

Gukurikiza ubwo buyobozi bwo muri rusangi, bizodufasha kwiyemeza neza ko amakoraniro y’ishengero tugira arongorwa mu buryo bumwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika