Turahimbarwa no kwitanga mu murimo wa Yehova
1 Intumwa Paulo yarahimbarwa no “kwitanga rwose” kugira ngo arangure ubusuku bwiwe bwa gikirisu (2 Kor. 12:15). No muri iki gihe nyene, abakristu benshi barakorana umwete ari abatsimvyi. Abafise amabanga aremereye mu muryango na bo, mu rutonde rwabo rurimwo vyinshi, bararondera umwanya wo kuja mu busuku buri ndwi. Hari abafise ingorane zikomeye z’amagara usanga bakoresha inguvu zabo nke mu guteza imbere ivy’Ubwami. Mbega ukuntu biremesha kubona abasavyi ba Yehova bitanga mu murimo bamurangurira, baba bafise imyaka ingana gute canke ivyabo vyaba vyifashe gute!
2 Turakunda abantu nka twe: Dukoze ivyo dushoboye vyose mu gusukurira Yehova, gutyo tukaba twerekanye urukundo tumukunda be n’urwo dukunda abantu nka twe, biratuma tugira ijwi ryo mu mutima ryiza. Kubera ko Paulo yatanze ubuzima bwiwe mu kwamamaza inkuru nziza, yarashoboye kuvugana akamwemwe ati: “Mbashingira intahe uyu musi ncuna, yukw amaraso ya bose atazonkora” (Ivyak. 20:24, 26; 1 Tes. 2:8). Tugize uruhara mu busuku, uko ivyacu vyoba bidukundiye kwose, bizoturinda kwagirwa n’amaraso.—Ezk. 3:18-21.
3 Dukoze uko dushoboye kwose mu gufasha abandi, biratuma tugira agahimbare (Ivyak. 20:35). Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Bugorovye ngataha i muhira namaze umusi mu gikorwa ca Yehova, ndumva ndushe koko. Ariko ndahimbarwa kandi ngashimira Yehova kuba yampaye umunezero ata n’umwe ashobora kuntwara”.
4 Turakunda Imana: Imvo ihambaye kuruta izindi zose ituma twitanga mu murimo wa Yehova, ni uko bihimbara uwo Data wa twese wo mw’ijuru. Urukundo dukunda Imana ruratuvyurira umutima wo kwitondera amabwirizwa yayo, ayo na yo akaba arimwo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa (1 Yoh. 5:3). N’igihe nyene abantu baba ari ba sindabinezwe canke baturwanya, turabandanya gukorera Yehova twivuye inyuma tubigiranye umunezero.
5 Ubu si co gihe co kunebwa. Tubayeho mu gihe c’iyimbura (Mat. 9:37). Akenshi umurimyi arakora amasaha menshi mu gihe c’iyimbura kubera y’uko aba afise igihe gitoya co gusarura ivyimburwa bitaratangura kwononekara. Igihe cashingiwe iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu na co nyene ni gito. Ese twese twobandanya kwihata cane mu busuku, dufise mu muzirikanyi igihe tubayemwo!—Luka 13:24; 1 Kor. 7:29-31.