Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Ibimenyeshejwe: Mu mezi aberamwo ihwaniro, nta ndwi Igikorwa dukorera Ubwami kitazoba kirimwo urutonde rw’Ikoraniro ry’umurimo. Amashengero yoshobora kugira ivyo ahinduye nimba bizoba bikenewe, kugira ngo bifashe kuzokwitaba rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”. Aho bibereye, nimukoreshe iminuta 15 kw’Ikoraniro ry’umurimo rya nyuma ry’imbere yuko mwitaba iryo hwaniro kugira ngo mwiyibutse impanuro zihuye n’ibikenewe iwanyu mu zatanzwe mu nyongera y’iki Gikorwa dukorera Ubwami. Mu kwezi kumwe canke abiri inyuma y’iryo hwaniro, murategekanya iminuta 15 canke 20 mu gihe c’Ikoraniro ry’umurimo (kumbure mukoreshe igice kigenewe ibikenewe iwanyu) kugira mugire isubiramwo ry’ivyiyumviro vyashikirijwe kw’ihwaniro abamamaji basanze vyogira akamaro mu busuku. Ico kiganiro c’isubiramwo gikwiye gushikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu boba bariko barabishira mu ngiro canke bategekanya kubishira mu ngiro mu busuku.
Indwi itangura ku wa 11 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama na Réveillez-vous! yo muri Rusama.
Imin. 15: Turafise Ibikwiye Vyose Kugira Tube Abigisha b’Ijambo ry’Imana. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2002, urupapuro rwa 18-22. Abakirisu bamwebamwe baratinya gusaba abashimishijwe ko bokwigana Bibiliya kubera bumva umengo ntiboshobora kurongora inyigisho. Ariko rero, Yehova aradufasha kuba abasuku babishoboye abicishije kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yera yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. Intumbero yacu si iyo gushikiriza ibisohokayandikiro gusa. Dukwiye kwihatira kwigisha abantu (Mat. 28:19, 20). Nuremeshe abamamaji kuguma bafise mu muzirikanyi intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya.
Imin. 20: Dukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gitabu Twagizwe Ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, ikigabane ca 13.
Ururirimbo rwa 144 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 18 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Woba uvyibuka? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2007, urupapuro rwa 19.
Imin. 20: “Turahimbarwa no kwitanga mu murimo wa Yehova”.a Nusabe abumviriza kugira ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe nimba umwanya ubibakundiye.
Ururirimbo rwa 82 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 25 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama na Réveillez-vous! yo muri Rusama.
Imin. 20: “Akigoro kazogirwa kw’isi yose ko gutangaza Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo ‘Kurikira Kristu!’ ”.b Igihe musuzuma ingingo ya 3, nusabe abumviriza bigane ibintu bidasanzwe babonye bijanye n’ugutanga ubutumire bw’ihwaniro ry’intara ryo mu mwaka uheze, canke ushiremwo insasanuro ukuye mu gitabu Annuaire 2007, kuva ku rupapuro rwa 7 gushika munsi y’agatwe gatoyi kari ku rupapuro rwa 10.
Imin. 15: “Woba ushobora kwinjira mu ‘rugi runini ruja mu bikorwa’? ”.c Nubaze ibibazo bikeya umutsimvyi asanzwe umwe canke babiri. Ni ibiki bahinduye kugirango bakore ubutsimvyi busanzwe? Ni imihezagiro iyihe bironkeye?
Ururirimbo rwa 138 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 2 Mukakaro
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro wo muri Ruheshi. Nuvuge ibisohokayandikiro bizotangwa muri Mukakaro.
Imin. 10: “Tugume ‘twama cane’ ”.d Igihe mwihweza ingingo ya 4, nushiremwo insasanuro ziri mu ruzitiro ruvuga ngo “Ukuntu Umuntu ‘Yokwamishwa Imbuto n’Ukwihangana’ ”, dusanga mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2003, urupapuro rwa 21.
Imin. 30: “Dukurikire Kristu mu kwifata mu buryo buranga icubahiro”.e Gishikirizwe n’umunyamabanga w’ishengero. Nuvuge ihwaniro ishengero ryanyu ryasabwe kuzokwitaba. Nimusubiremwo ibiri mu ruzitiro ruvuga ngo “Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara”.
Ururirimbo rwa 69 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.