Igituma tuza turasubirayo
1. Ni ikibazo ikihe kivyuka ku vyerekeye igikorwa cacu co kwamamaza?
1 Mu mihingo myinshi, turahetura incuro n’izindi ivyibare twakebewe. Turabandanya kugendera imihana tuba twaramaze kugendera incuro n’izindi, naho uwo tuba twarahasanze yoba yatubwiye ko atabikunda. Kubera iki tuguma tuja kuganiriza abantu baba batavyakiriye neza muri kahise?
2. Ni impamvu nyamukuru iyihe ituma twumira kw’ibanga mu busuku?
2 Urukundo dukunda Yehova n’abantu: Impamvu nyamukuru ituma twumira kw’ibanga mu busuku, ni urukundo dukunda Yehova. Umutima wacu uradusunikira kubandanya kubwira abandi ivyerekeye Imana yacu ihambaye (Luka 6:45). Urukundo dukunda Yehova ruratugobera kugamburuka itegeko ryiwe no gufasha abandi kubigenza gutyo (Imig. 27:11; 1 Yoh. 5:3). Ukwihangana tugira tudahemuka muri ico gikorwa ntiguhagaze ku kuntu abantu bavyakira. N’igihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahamwa, barabandanije kwamamaza ‘badahorereza’ (Ivyak. 5:42). Igihe abantu banse kwumviriza, aho kureka ngo biduce intege, tuguma dushikamye, bigaheza bikerekana urugero tugezako mu gukunda Yehova no mu kumuyobokera.
3. Urukundo dukunda abantu ruzodufasha gute kubandanya twamamaza?
3 N’ikindi kandi, turumira kw’ibanga kubera dukunda bagenzi bacu (Luka 10:27). Yehova ntashaka ko hagira n’umwe arandurwa (2 Pet. 3:9). Mbere no mu cibare tuba twarakoreyemwo incuro n’izindi, turacahasanga abantu bipfuza gukorera Yehova. Nk’akarorero, muri Guadeloupe, aho umuntu 1 ku bantu 56 bo muri iryo zinga usanga ari Icabona ca Yehova, abantu 214 barabatijwe mu mwaka uheze. Abashika 20.000 na bo baritavye Icibutso, ni ukuvuga ko muri Guadeloupe, umuntu umwe ku bantu 22 yitavye Icibutso.
4. Ni mu buryo butandukanye ubuhe ivyo mu vyibare bihinduka?
4 Ibintu birashobora guhinduka mu cibare: Abantu bo mu cibare ntibama ari ba bandi. Dusubiye kugendera aho batari batwakiriye neza uwundi muntu wo muri uwo muryango, kumbure uwutarigera yumva ubutumwa dushikiriza, yoshobora kuba ari we atwugururira kandi akadutega yompi. Canke twoshobora gusanga himukiye abantu bashasha bashimishwa. Abana bafise abavyeyi barwanya inkuru nziza, barakura hanyuma bakaja kuba ahandi. Mwene abo bantu boshobora kuba bashaka kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami.
5. Ni ibiki vyoshobora gutuma abantu barushiriza kwakira neza inkuru nziza?
5 Abantu na bo nyene barahinduka. Intumwa Paulo yarigeze kuba ari umuntu ‘arogota, ahamana, yambika abandi ibara’ (1 Tim. 1:13). Nk’ukwo nyene kwa Paulo, benshi mu bakorera Yehova muri iki gihe barigeze kuba badashimishwa n’ukuri. Bamwe mbere bashobora kuba barigeze n’ukurwanya inkuru nziza. Kubera ko ivy’isi bigenda birahindagurika, bamwe mu baturwanya canke bigeze kuba batabinegwa boshobora kwumva bavyuriwe umutima wo kwumviriza. Abandi boshobora kuvyakira neza kuruta bamaze gushikirwa n’ibintu vy’agacamutima, nk’ukubura umuntu wo mu muryango, ugukurwa mu kazi, ukugira ingorane mu vy’ubutunzi, canke ingorane z’amagara.
6. Ni kubera iki dutegerezwa kubandanya kwamamaza n’umwete?
6 Ivy’isi biriko bigenda biyama, mugabo igikorwa cacu co kwamamaza no kwigisha kiriko kirihuta cane (Yes. 60:22). Ku bw’ivyo, turabandanya kwamamaza n’umwete mwinshi tukongera tukihata kugira tugume tubona ibintu mu buryo bwiza. Uwo tuganirije ubukurikira yoshobora kutwumviriza. Emwe, dutegerezwa kuguma tuvuga! ‘Dushishikaye ivyo tuzokwikizanya n’abatwumva’.—1 Tim. 4:16.