Amahinduka ateye umunezero yerekeye Umunara w’Inderetsi!
1 Mu ntango z’uyu mwaka, amashengero yarashikirijwe itangazo riteye umunezero ryavuga ko guhera muri Nzero 2008, Umunara w’Inderetsi uzogira integuro zibiri zitandukanye, imwe ikazoba igenewe abantu bose iyindi nayo ikazoba igenewe abavukanyi bacu bakirisu. Kumbure ushobora kuba waribajije uti: ‘Ivyo binyamakuru bibiri bizoba bitandukaniye ku ki? Ni ivyiza ibihe biri mu kugira integuro zibiri zitandukanye? Hoba hari ibintu bidasanzwe bishasha bizoba biri muri izo nteguro?’
2 Aho zitandukaniye: Inomero y’igenekerezo rya mbere rya buri kwezi izokwitwa Integuro y’abantu bose. Ibiganiro vyose vyo muri iyo nomero bizotegurwa hafiswe mu muzirikanyi abantu bose. Inomero yo ku wa 15 wa buri kwezi izokwitwa Integuro yo kwiga kandi ntizoshikirizwa abantu mu murimo wo mu ndimiro. Izoba irimwo ibiganiro vyose vyo kwiga vy’ukwezi kumwe be n’ibiganiro bitari ivyo kwiga vyerekeye ahanini abakirisu biyeguye. Integuro y’abantu bose y’Umunara w’Inderetsi izohimbara Ivyabona. Ariko izohimbara canecane abatari Ivyabona bashobora kuba bemera Bibiliya. Ku rundi ruhande, Réveillez-vous! izoguma igenewe abantu benshi bashoboka, harimwo n’abantu bakekeranya ko Imana ibaho be n’abari mu madini atari aya gikirisu.
3 Ivyiza birimwo: Mu Nteguro yo kwiga, ntibizoba bigikenerwa ko dusigura amajambo amwamwe nk’ “umutsimvyi” mu buryo abatari Ivyabona bashobora gutahura. Iyo nteguro kandi irimwo amakuru atomoye yateguriwe canecane Ivyabona vya Yehova hamwe n’abatohoji ba Bibiliya bariko baratera imbere mu vy’impwemu. Tuvuge iki ku Nteguro y’abantu bose? Kubera ko ibiganiro bizoshirwa muri iyo nteguro be n’ukuntu izokwandikwa bizotunganywa ku bw’abantu bose, n’uwutari Icabona azohimbarwa no gusoma ico kinyamakuru cose. Nta gukeka ko buri Cabona ca Yehova azokwungukira ku gusoma imwe yose muri izo nomero. Kubera ko buri kwezi tuzohora dushikiriza mu murimo wo mu ndimiro inomero imwe gusa y’Umunara w’Inderetsi be n’inomero imwe ya Réveillez-vous!, tuzoba dufise ukwezi kwuzuye kwo kuryohora ingene twobishikiriza mu buryo ngirakimazi.
4 Ibintu bishasha biranga izo nteguro: Harategekanijwe kugirwa ibintu bishasha biteye umunezero ku bijanye n’Integuro y’abantu bose y’Umunara w’Inderetsi. Ikiganiro kimwe kizoca irya n’ino inyigisho zishingiye ku Vyanditswe mu buryo bworoshe. Ikindi na co, kizokwerekana ingene Bibiliya ishobora gufasha imiryango. Hazoshirwamwo ibijanye n’ukuntu abakiri bato bokwiga Bibiliya. Inomero yose izoba irimwo ikiganiro gishimika ku mirongo minaka yo muri Bibiliya itwigisha ibijanye na kamere za Yehova.
5 Dusenga dusaba ko Yehova yohezagira iyo ndinganizo nshasha yerekeye Umunara w’Inderetsi. Ese ico kinyamakuru hamwe na Réveillez-vous!, vyoshikira abantu benshi kuruta babereye inkuru nziza!—Mat. 10:11.