Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 27 Myandagaro 2007. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 2 Mukakaro gushika ku ndwi itangura ku wa 27 Myandagaro 2007.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Dushobora gute kugaragariza abandi icubahiro mu busuku turangura be no mw’ishengero? [be rup. 192 ing. 2-4]
2. Ni igiki gihambaye cane nimba tugomba kugaragaza ubujijutsi igihe tuvuga? [be rup. 196 ing. 1-3]
3. Ni inama zimwezimwe izihe tugirwa zodufasha kuvugana ubugenge igihe tubwira abandi inkuru nziza? [be rup. 197 ing. 5-rup. 198 ing. 4]
4. Ni gute kugaragaza ubugenge bijamwo kumenya igihe kibereye co kuvuga iyo turiko turabwira abandi inkuru nziza? (Imig. 25:11) [be rup. 199 ing. 1-3]
5. Imvugo dukoresha mu gushikiriza insiguro ishobora gute kuguma ari iyubaka? [be rup. 203 ing. 3–rup. 204 ing. 1]
IKIGANIRO NO. 1
6. Twovuga iki ku bijanye n’ukuba Ezekiyeli ari we yanditse igitabu yitirirwa, ukuba kiri mu bitabu vyemewe bigize Bibiliya be n’uko ari ic’ukuri? [bsi07 rup. 6 ing. 3]
7. Kamere imwe ihambaye umuntu ategerezwa kuba afise kugira yihanganire akarenganyo ni iyihe? [w05 1/6 rup. 29 ing. 4]
8. Twigira iki ku nyishu Yezu yahaye Abasadukayo bari bamubajije ikibazo cerekeye izuka? (Luka 20:37, 38) [be rup. 66 ing. 4]
9. Igihe umutohoji wa Bibiliya canke uwo dusangiye ukwizera abajije ico akwiye gukora igihe ibintu vyifashe ukunaka, ukwiye kwishura ute? [be rup. 69 ing. 4-5] 5]
10. “Guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu” birimwo iki? (Ef. 4:23, NW) [be rup. 74 ing. 4]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Umuntu yambaye impuzu zera avugwa muri Ezekiyeli 9:2-4 agereranya nde, kandi ‘ikimenyetso gishirwa mu ruhanga’ gisobanura iki? [w00 1/1 rup. 23 ing. 3; wt rup. 124 ing. 10]
12. Ni mu buryo ki indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zimeze nka “ba kamenyi b’ibipfu, [bǎriko] bakurikira ivyiyumviro vyabo ubgabo” badondorwa muri Ezekiyeli 13:3? [w99 1/10 rup. 24]
13. Ingese ziri mu nkono zigereranya iki? (Ezek. 24:6-14) [w07 1/7 rup. 14]
14. Ni mu buryo nyabaki Ezekiyeli ‘yagobwe ururimi’ mu gihe c’ugukikuzwa kwa Yeruzalemu n’ugusangangurwa kwaho? (Ezek. 24:27; 33:22) [w03 1/12 rup. 29]
15. “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi” ni nde, kandi ni ryari ahaguruka ngo asangangure abasavyi ba Yehova? (Ezek. 38:2, 16) [w97-RU 1/3 rup. 24 ing. 1–rup. 25 ing. 3, canke w97-F 1/3 rup. 14 ing. 1–rup. 15 ing. 3]