ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/07 rup. 1
  • Dusenge Yehova uko tugize umuryango

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dusenge Yehova uko tugize umuryango
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Intunganyo ifasha imiryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ukuntu Abagize Umuryango Bafashanya Kugira Bagire Uruhara Bimwe Vyuzuye—Mu Gikenurwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Umuryango—Abantu Barawukeneye!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 8/07 rup. 1

Dusenge Yehova uko tugize umuryango

1 Mu bihe vya Bibiliya, abagize umuryango barakorera hamwe ibintu vyinshi. Barakorera hamwe udukorwa twa misi yose tw’i muhira, n’igihambaye kuruta vyose barasenga Yehova uko bagize umuryango (Lew. 10:12-14; Gus. 31:12). Muri iki gihe, mu mihingo myinshi, usanga abagize umuryango bakorera hamwe ibintu bike cane. Ariko rero, abakirisu barazi neza agaciro kari mu gukorera hamwe uko bagize umuryango, na canecane igihe ari ibintu bijanye n’ugusenga. Ese ukuntu umwe umuryango ukomokako ategerezwa kuba ahimbarwa no kubona imiryango iriko iramusenga yunze ubumwe!

2 Twamamaze uko tugize umuryango: Abagize umuryango bakoreye hamwe mu kwamamaza inkuru nziza, birakomeza ubucuti buri hagati yabo. Ku bw’ivyo, uretse ko umukurambere ajana n’abandi bo mw’ishengero kwamamaza, arajana kandi n’umukenyezi wiwe be n’abana biwe adahorereza (1 Tim. 3:4, 5). Naho abacungezi b’ingenzi bafise vyinshi bakora, na bo nyene barategekanya umwanya wo gukorana n’abakenyezi babo mu busuku.

3 Abavyeyi bamamaza bari kumwe n’abana babo barashobora kubafasha gutera imbere bakaba abamamaji b’inkuru nziza. Abana ntibabona gusa umunezero n’ugushira akanyota abavyeyi babo bagira mu busuku, ariko kandi barabona ukuntu abavyeyi babo bagaragaza urukundo bafitiye Yehova n’abandi bantu (Gus. 6:5-7). Uko abana bo muri iyo miryango bagenda barakura, ni ko baguma babona ko bihambaye gukorana n’abavyeyi mu busuku. Umugabo umwe n’umugore wiwe bafise abahungu batatu bari hagati y’imyaka 15 na 21 bama bajana n’abo bana babo mu busuku. Uwo sebibondo yavuze ati: “Igihe cose turabigisha ikintu kinaka. Vyongeye, turaraba neza ko ico kintu ari igiteye umunezero kandi ko kiremesha”.

4 Dutegurire hamwe: Imiryango yasanze biri n’akamaro gutegurira hamwe ibijanye n’ubusuku. Akenshi abana barahimbarwa no kugira imyimenyerezo bari kumwe n’abagize umuryango, bakaza barakurakuranwa mu kugira uruhara rw’uwushikiriza inkuru nziza canke rw’uwo basanze ku muhana. Hari abafata iminuta mikeyi inyuma y’inyigisho y’umuryango bakagira iyo myimenyerezo.

5 Umunezero tugira urarushiriza kwongerekana igihe tugira uruhara mu bikorwa bihambaye kandi bimara akanyota turi kumwe n’abo dukunda. Ese ukuntu abagize umuryango bagira umunezero mu gukorera hamwe mu busuku bwo mu ndimiro bw’inzu ku nzu, mu kugira amasubirayo no mu kurongora inyigisho za Bibiliya! Mu gihe rero usenga Yehova uri kumwe n’umuryango wawe, urashobora kuvugana umunezero uti: “Jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho”.—Yos. 24:15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika