Ukuntu abo dushira ibinyamakuru twobahindura bakaba inyigisho za Bibiliya
1. Ni intumbero iyihe tuzoba dufise mu mezi ya Ndamukiza na Rusama?
1 Mu mezi ya Ndamukiza na Rusama tuzoba turiko turashikiriza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! dufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya muri ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha igihe dusubiye kugendera abo twahaye ivyo binyamakuru. Ivyiyumviro biri aho hepfo vyoshobora kudufasha. Uribuka yuko ukwiye kubihuza n’uko ivyo mu cibare cawe vyifashe kandi ukabivuga mu majambo yawe bwite. Ntiwitinye gukoresha ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago igihe ubona ko buri n’ico buvamwo.
2. Dushobora gute gukoresha impapuro z’intangamarara za ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gutanguza inyigisho ya Bibiliya?
2 Nukoreshe impapuro z’intangamarara: Igihe usubiye kugendera uwo wahaye ibinyamakuru, woshobora kuvuga uti: “Vya binyamakuru nagusigira vyerekeza kuri Bibiliya. Ehe raba igituma gusoma Bibiliya bihambaye cane”. Nuce usoma muri Yesaya 48:17, 18; Yohana 17:3; canke ikindi canditswe kibereye. Umaze kwereka umunyamuhana intangamarara y’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha no kumuha iciwe, woshobora guca ubandanya uti:
◼ “Bibiliya iraduha icizigiro nyakuri ca kazoza”. Niwereke uwo munyamuhana urupapuro rwa 4-5 maze uce umubaza uti: “Muri iyi mihango, ni uwuhe woshima kubona urangutse?”. Numwerekeze ku kigabane kivuga umuhango yahisemwo ushingiye ku Vyanditswe, maze niba abikunze murimbure muri make ingingo imwe canke zibiri.
◼ Canke woshobora kuvuga uti: “Bibiliya iratanga inyishu ku bibazo bihambaye cane vyerekeye ubuzima”. Niwerekeze uwo munyamuhana ku rupapuro rwa 6, maze uce umubaza niba atarigera yibaza ikibazo na kimwe mu biri amaja munsi kuri urwo rupapuro. Nuzingurure ku kigabane cishura nya kibazo hanyuma muce muganira muri make ku ngingo imwe canke zibiri.
◼ Kibure woshobora kumwereka imitwe imwimwe y’ibiganiro iri ku rupapuro rwerekana ibiri muri ico gitabu ugaca umubaza ikiganiro camushimishije. Nuzingurure kuri ico kigabane maze uce umwereka muri make ingene inyigisho ya Bibiliya irongorwa.
3. Dushobora gute gutanguza inyigisho ya Bibiliya tumaze gutanga ibinyamakuru bivuga ibijanye na (a) ibintu vyo mw’isi bitera bidabuka? (b) umuryango? (c) igituma Bibiliya ari igitabu co kwizigirwa?
3 Nuvyure ikibazo gicira inzira isubirayo: Woshobora kandi gusiga uciriye inzira isubirayo igihe ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Uwo munyamuhana amaze kwakira ibinyamakuru, nuvyure ikibazo maze uce umubwira ko uzocishura niwagaruka. Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ugaruke kandi ntute isango (Mat. 5:37). Ugarutse, niwibutse uwo munyamuhana ca kibazo wasiga hanyuma muce musoma mwongere muganire ku ngingo imwe canke zibiri zidomako zo muri ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha zishura nya kibazo. Numuhe igitabu kimwe kugira ngo na we ashobore gukurikira. Raba uturorero dukeyi tukwereka ingene wobigenza.
◼ Niba wasize ikinyamakuru kivuga ibijanye n’ibintu vyo mw’isi bitera bidabuka, woshobora kuvuga uti: “Ubutaha turashobora kuzoyaga ku nyishu Bibiliya itanga kuri iki kibazo kibaza giti: ‘Ni ibiki Imana izohindura kw’isi?’ ”. Ugarutse uzoce ukoresha urupapuro rwa 4-5. Canke woshobora kubaza uti: “Imana yoba ari yo ituma dushikirwa n’ivyago?”. Ugarutse, uze wereke uwo munyamuhana ingingo ya 7-8 z’ikigabane ca 1.
◼ Niba wasize ikinyamakuru kivuga ibijanye n’umuryango, imbere y’uko ugenda woshobora kubaza uti: “Umwe wese mu bagize umuryango yokora iki kugira ngo ubuzima bwo mu rugo bube ubuhimbaye kuruta?”. Ugarutse, muzoce mwihweza ingingo ya 4 y’ikigabane ca 14.
◼ Niba wasize ikinyamakuru kivuga ibijanye n’igituma Bibiliya ari igitabu co kwizigirwa, woshobora kubaza ikibazo gicira inzira ikiyago kizokurikira uti: “Bibiliya yoba ihuza n’ivyo ubuhinga buhishura?”. Ugarutse, muzoce murimbura ingingo ya 8 y’ikigabane ca 2.
4. Dukwiye gukora iki mu gihe umunyamuhana yanse kwakira igitabu Ivyo Bibiliya yigisha?
4 Ikiganiro cose kirangiye, nuvyure ikindi kibazo uzokwishura niwagaruka. Inyigisho idahorereza imaze gushingwa, nimwihweze ico gitabu nk’uko biri, muhere ku ntango gushika ku mpera. Bite ho nka hamwe uwo munyamuhana yanse kwakira igitabu Ivyo Bibiliya yigisha? Urashobora kubandanya umushira ibinyamakuru mukongera mukaganira ku Vyanditswe. Uko utsimbataza ugushimishwa kwiwe, hari aho yoteba akemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.
5. Ni kubera iki dukwiye kwihatira kugira n’ibindi dukoze uretse gusa gusigira abantu ibinyamakuru?
5 Yezu yadutegetse ‘guhindura [abantu] abigishwa no kubigisha’ (Mat. 28:19, 20). Ku bw’ivyo rero, igihe dusigiye abantu ibinyamakuru, intumbero yacu nyamukuru iba ari iyo kwigisha ukuri abafise imitima nziraburyarya. Mu mezi ya Ndamukiza na Rusama, nugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya umaze gutanga Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!.