Umugambi mwiza twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo
1. Ni umugambi uwuhe twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo?
1 Dutegerezwa kwishingira imigambi nimba dushaka gutera imbere mu vy’impwemu. Ni imigambi iyihe wishingiye muri uyu mwaka mushasha w’umurimo? Umugambi mwiza kuruta iyindi yose twokwishingira ni ugukora ubutsimvyi bwo gufasha ukwezi kumwe canke ayarenga. Kubera ko ico gikorwa gitera umunezero akenshi gisaba ko umuntu yitegura hakiri kare, ubu ni co gihe ciza co gutangura kubitegekanya. Ni kubera ki dukwiye kwishingira umugambi wo gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
2. Ni imvo izihe zotuma twishingira umugambi wo gukora ubutsimvyi?
2 Imvo zotuma dukora ubutsimvyi bwo gufasha: Gukora ubutsimvyi bwo gufasha biratuma ‘turushiriza cane’ guhimbara Data wa twese wo mw’ijuru mu kumara umwanya wiyongereye mu busuku (1 Tes. 4:1). Mu gihe turimbuye ivyo Yehova yadukoreye vyose, turavyurirwa umutima wo kubwira abandi ibimwerekeye (Zab. 34:1, 2). Yehova arabona ivyo dukora kandi arakenguruka ukuntu twitanga kugira ngo dukore vyinshi mu busuku (Heb. 6:10). Kumenya yuko turiko turahimbara Yehova biciye ku gikorwa kitoroshe dukora, biratuzanira umunezero mwinshi.—1 Ngo. 29:9.
3, 4. Twungukira gute ku gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
3 Mu bisanzwe, uko umuntu akora ikintu kenshi, ni ko kirushiriza kumworohera no gutera umunezero. Umaze umwanya wiyongereye mu busuku bizotuma urushiriza kuvuga worohewe mu gikorwa c’inzu ku nzu. Uzorushiriza kuba umuhanga mu gutanguza ibiyago no mu gukoresha Bibiliya. Uko urushiriza kuvuga ibijanye n’ukwizera kwawe, ni ko kuzorushiriza gukomera. Abamamaji benshi batari bafise inyigisho ya Bibiliya barashoboye gutanguza imwe igihe bakora ubutsimvyi bwo gufasha.
4 Gukora ubutsimvyi bwo gufasha vyoshobora kandi kuba co kintu gikenewe kugira umuntu ntiyame hahandi mu vy’impwemu. Umuvukanyi umwe yahoze ari umutsimvyi asanzwe yarabonye yuko akazi yakora kamutwara umwanya munini, aca afata ingingo yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi kumwe. Yavuze ati: “Sinashoboye gutahura ukuntu ukwo kwezi kumwe kwandonkeje ingoga mu buryo bw’impwemu! Naciye mfata ingingo yo kubandanya nkora ubutsimvyi bwo gufasha, ivyo bikaba vyatumye nsubira kuba umutsimvyi asanzwe”.
5. Twoshobora gute gutsinda intambamyi yo kwiyumvamwo yuko tutabishoboye?
5 Nutsinde intambamyi: Hari aboshobora kugonanwa gusaba ubutsimvyi bwo gufasha kubera yuko bibaza ko ata buhanga bafise. Niba ivyo ari vyo bituma ureka kubukora, Yehova arashobora kugufasha nk’uko yafashije Yeremiya (Yer. 1:6-10). Naho Musa atari “[abangutse] mu mvugo canke mu rurimi”, Yehova yaramukoresheje mu gukora ivyo agomba (Kuv. 4:10-12). Nimba wumva utobishobora, nusenge Yehova umusaba kugira umutima rugabo.
6. Vyoshoboka bite ko umuntu akora ubutsimvyi bwo gufasha naho yoba afise ingorane z’amagara canke ibikorwa vyinshi?
6 Woba ugonanwa gusaba ubutsimvyi bwo gufasha kubera ko ufise ingorane z’amagara canke ufise ibikorwa vyinshi? Niba ufise amagara make, gukora ukageza aho ubushobozi bwawe bugarukira vyoshobora gutuma ukora ubutsimvyi bwo gufasha. Niba ufise ibikorwa vyinshi, woshobora gukuramwo ibikorwa bimwebimwe bidahambaye ukazobikora mu kundi kwezi. Hari abakora akazi k’imisi yose bashoboye kwicungurira umwanya kugira ngo bakore ubutsimvyi bwo gufasha mu gufata ikonji ry’umusi umwe canke ibiri.—Kol. 4:5.
7. Ni kubera iki ari ngirakamaro gushira mw’isengesho icipfuzo ufise co gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
7 Ingene wobigenza: Nushire ico cipfuzo cawe mu masengesho utura. Nusabe Yehova ahezagire utwigoro ugira kugira wagure ubusuku bwawe (Rom. 12:11, 12). Arashobora kugufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi ku bijanye n’ukuntu wogira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe (Yak. 1:5). Niba ata cipfuzo co gukora ubutsimvyi bwo gufasha ufise, nusabe Yehova agufashe kunezererwa igikorwa co kwamamaza.—Luka 10:1, 17.
8. Gushira mu ngiro icanditswe co mu Migani 15:22 bishobora gute kugufasha gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
8 Nimuganire uko mugize umuryango ibijanye n’umugambi wo gukora ubutsimvyi (Imig. 15:22). Kumbure umwe mu bagize umuryango yoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha igihe abandi bamushigikiye. Nuganire n’abandi bo mw’ishengero ibijanye n’icipfuzo ufise co gukora ubutsimvyi, uganire canecane n’abantu ivyabo vyifashe nk’uko ivyawe vyifashe. Ivyo vyoshobora gutuma urushiriza kugirira igishika ubutsimvyi bwo gufasha.
9. Ni amazi ayahe wohitamwo gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
9 Wihweje urutonde rwawe rw’ivyo ukora mu busuku, ni ryari ubona woshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha? Niba ukora akazi k’imisi yose canke uri umunyeshure, woshobora gukora ubutsimvyi mu mezi y’uburuhuko canke mu mezi afise imisi ya gatandatu itanu canke imisi y’iyinga itanu. Nk’akarorero, amezi ya Nyakanga, Kigarama, Ntwarante be na Myandagaro afise impera z’umushamvu zitanu zuzuye. Ukwezi kwa Rusama gufise imisi ya gatandatu itanu, Ruheshi na kwo kukagira imisi y’iyinga itanu. Niba ufise ingorane z’amagara, nurabe amezi aho usanga akenshi ikirere cifashe neza. Woshobora kandi gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi umucungezi w’umuzunguruko azogendera ishengero ryanyu. Mu kiringo co kugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko, uzoronka agateka kiyongereye ko kwitaba igice ca mbere c’inama agirana n’abatsimvyi basanzwe. Kubera ko mu mwaka uza Icibutso kizoba ku wa 22 Ntwarante, amezi ya Ntwarante, Ndamukiza na Rusama ni amezi meza cane yo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha. Umaze guhitamwo ukwezi canke amezi wipfuza gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha, nuce utangura kugira urutonde ruzotuma ushobora gukwiza amasaha asabwa.
10. Wokora iki niba bidashoboka ko ukora ubutsimvyi bwo gufasha?
10 Naho nyene woba ubona ko utoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri uyu mwaka w’umurimo uza, urashobora kuguma ufise agatima ko gukora ubutsimvyi. Nubandanye gukora ivyo ushoboye vyose mu busuku, wizigiye yuko Yehova ahimbarwa n’akigoro ugirana umutima wawe wose kugira umuhe ibintu vyiza kuruta ibindi vyose ufise (Gal. 6:4). Nushigikire abashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha wongere ubaremeshe. Kumbure urashobora kugira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe kugira ngo ugire umusi wiyongereye mu ndwi wo gukorana mu busuku n’abariko barakora ubutsimvyi.
11. Ni kubera iki dukwiye kubona ko ibintu vyihutirwa?
11 Abasavyi ba Yehova barabona ko ibintu vyihutirwa. Hariho igikorwa gitegerezwa gukorwa, ico na co si ikindi ni ukwamamaza inkuru nziza. Ubuzima buri mu kaga, umwanya dusigaranye na wo uri ku rushi (1 Kor. 7:29-31). Urukundo dukunda Imana n’abantu ruratuvyurira umutima wo gukora ivyo dushoboye vyose mu busuku. Tugize akigoro kandi tukabitegekanya neza, twoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha n’imiburiburi ukwezi kumwe muri uyu mwaka mushasha w’umurimo. Uwo ni wo mugambi mwiza vy’ukuri twokwishingira.