Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Myandagaro: Ako ari ko kose muri utu dutabu tw’impapuro 32 koshobora gukoreshwa: Bitugendera gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Mwame mugavye!, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu bice bimwebimwe vy’icibare, udutabu dukurikira twoshobora kuba tubereye: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Inzira ijana mu buzima budahera—Woba warayitoye?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? be na Un livre pour tous. Nyakanga: Hazokoreshwa ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Dukwiye kugira akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya tukigendera umuntu ari bwo bwa mbere. Niba abo usanze ku muhana baramaze kuronka ico gitabu, nubasigurire ingene bashobora kucungukirako mu kubereka muri make ukuntu inyigisho ya Bibiliya igirwa. Gitugutu: Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe hari abashimishijwe, mubashikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Igitabu Ubumenyi coshobora gushikirizwa. Munyonyo: Igira kuri wa Mwigisha ahambaye. Niba abantu bavuze ko ata bana bafise, nimushikirize ka gatabu Mwame mugavye!
◼ Kubera yuko ukwezi kwa Nyakanga kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Amashengero akwiye gutangura gusaba kuri komande azogira ubutaha ibisohokayandikiro bikurikira: Calendrier des Témoins de Jéhovah 2008, Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi 2008, na Annuaire des Témoins de Jéhovah 2008. Urutonde rw’indimi ivyo bisohokayandikiro bibonekamwo ruzotangwa mw’ikete rirungikwa ku kwezi ku kwezi rijanye n’ibisohokayandikiro.
◼ Abakurambere baribukijwe gukurikiza inama zitangwa mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991, ku rupapuro rwa 20-22 ku vyerekeye abo ari bo bose baciwe canke biyonjoroye boshaka kugarukanwa.