Isubiramwo ryo mw’ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 31 Kigarama 2007. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 5 Munyonyo gushika ku ndwi itangura ku wa 31 Kigarama 2007.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni ivyiyumviro ibihe dukwiye kugumiza ku muzirikanyi kugira ngo twiyemeze neza ko dusozereye insiguro mu buryo bushika ku mutima? [be rup. 221 ing. 1-4]
2. Dushobora gute kuraba neza ko ivyo tuvuga mu busuku bwo mu ndimiro bitagira amahinyu? [be rup. 223 ing. 2-4]
3. Mu biganiro dushikiriza ku makoraniro y’ishengero, dushobora gute kugaragaza ko twubahiriza uruhara ishengero rifise rw’ukuba “inkingi n’urwego bishigikiye ukuri”? (1 Tim. 3:15) [be rup. 224 ing. 1-4]
4. Ni kubera iki bihambaye ko dusuzuma ko amakuru dushikiriza ari ayo kwizigirwa, kandi ivyo dushobora kubigira gute? [be rup. 225 ing. 1-2]
5. Igihe twigisha, dushobora gute gutuma abandi boroherwa no gutahura amayagwa yacu? [be rup. 226 ing. 3–rup. 227 ing. 1]
IKIGANIRO NO. 1
6. Ni igiki cerekana ko inkuru yo mu gitabu ca Yona ari iy’ukuri? [bsi07 rup. 18 ing. 3]
7. Ni ubuhanuzi ubuhe Mika yavuze bujanye n’intwaro y’Ubwami bw’Imana bwobaye burongowe na Kristu Yezu? [bsi07 rup. 20 ing. 18]
8. Ni igiki cerekana ko igitabu ca Habakuki cahumetswe n’Imana? [bsi07 rup. 23 ing. 4]
9. Ni kubera iki umuntu yoshobora kuvuga yuko mu 520 B.G.C., Abayuda batari bwarangure igikorwa cari carabagarukanye bavuye mu bunyagano? (Hag. 1:4) [bsi07 rup. 27 ing. 3]
10. Ni umusi uhambaye uwuhe Zekariya aguma avuga yisubiriza? [bsi07 rup. 30 ing. 26]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Ubuhanuzi bwo muri Yoweli buvuga ibijanye n’igitero c’udukoko bwarangutse gute mu kinjana ca mbere, kandi buriko buranguka gute muri iki gihe? (Yow. 2:1-10, 28) [w07 1/10 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yoweli n’ica Amosi”]
12. “Igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci” casigura iki? (Am. 8:1, 2, NW) [w07 1/10 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yoweli n’ica Amosi”]
13. Ni mu buryo ki Yehova ‘yigaruye ngo ntateze Abanyaninewe ivyago yari yabagereye’, kandi ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe? (Yona 3:10) [w03 15/7 rup. 17-18]
14. Kugendera mw’izina rya Yehova bisobanura iki? (Mika 4:5) [w03 15/8 rup. 17, ing. 19]
15. Ni mu buryo ki Abisirayeli batari bakwiye kuja ‘kubariza i Beteli? (Am. 5:5) [w07 1/10 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yoweli n’ica Amosi”]