ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/08 rup. 1
  • Nukoreshe neza umwanya wawe mu busuku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe neza umwanya wawe mu busuku
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ingene amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yoshitsa intumbero yayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Niwungukire bimwe bishitse ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ukuntu wokwungukira ku mugwi urimwo wo gusohoka mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 1/08 rup. 1

Nukoreshe neza umwanya wawe mu busuku

1 Nta gukeka ko hariho vyinshi vyo gukora mu busuku turangura, kandi igihe gisigaye ni kigufi (Yoh. 4:35; 1 Kor. 7:29). Dutunganije ivyacu neza tukongera tugategura ibintu hakiri kare, turashobora gukoresha neza umwanya tuba twategekanirije ubusuku.

2 Niwitegure: Imbere y’uko uja kw’ikoraniro ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro, nurabe neza ko ufise ibitabu uza gukenera be n’uko wateguye neza ukuntu uza gushikiriza ubutumwa. Iryo koraniro rimaze gusozerwa n’isengesho nuce buno nyene uja mu ndimiro. Ivyo bizogufasha wewe n’abo mukorana kurangura vyinshi bishoboka mu mwanya mufise mu murimo wo mu ndimiro.

3 Nimba washinzwe kuyobora ikoraniro ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro, nuritangure ku gihe. Nihavugwe make, ni ukuvuga ntirirenze iminuta iri hagati ya 10 na 15. Imbere y’uko usozera, nurabe neza ko umwumwe wese azi aho aza gukorera be n’uwo baza gukorana.

4 Igihe uri mu busuku: Ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rirangiye, ntiwitevye bidakenewe ahubwo nuce ufata akayira uje mu cibare. Nimba uzi ko uza gutaha kare, urashobora kumbure kwitegekaniriza uburyo bwo kwiyunguruza ku buryo abasigaye bitaba ngombwa ko na bo bataha kare kugira bakwunguruze. Igihe mwoba muriko mukorera mu mugwi, niwitwararike abandi bashobora kuba barindiriye ko urangiza ikiyago n’umuntu kanaka. Ivyo vyoshobora kuba birimwo guhagarika ubigiranye ubugenge ikiyago n’umuntu w’ibihari canke gutunganya ivyo kuzogaruka kugendera uwagaragaje ugushimishwa.—Mat. 10:11.

5 Igihe usubira kugendera abantu, urashobora kwirinda ingendo zidakenewe mu kubanza kugendera ababa mu gace kamwe imbere y’uko uja mu kandi. Vyoshoboka ko uterefona bamwebamwe kugira umenye neza ko bazoba bari i muhira (Imig. 21:5). Nimba ubona yuko uza kumara umwanya munini ahantu, hoshobora gutunganywa ivy’uko abo muri kumwe boba baramamaza hafi yaho canke bakaba baragendera uwundi muntu bari baraganiriye.

6 Tubayeho mu gihe c’iyimbura rinini ryo mu buryo bw’impwemu (Mat. 9:37, 38). Vuba ico gikorwa kigiye kurangira. Ku bw’ivyo rero, icipfuzo cacu gikwiye kuba ico gukoresha neza umwanya wacu igihe turi mu busuku.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika