ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/08 rup. 12
  • ‘Imvugo yanyu yame nantaryo irunze umunyu’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Imvugo yanyu yame nantaryo irunze umunyu’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Yezu n’Umusamariyakazi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yezu yigisha Umusamariyakazi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Numenye Ingene Ukwiye Kwishura
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 1/08 rup. 12

‘Imvugo yanyu yame nantaryo irunze umunyu’

1. ‘Kurunga umunyu imvugo zacu’, bisobanura iki?

1 “Imvugo yanyu yamane nantaryo igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese” (Kol. 4:6). Kurunga umunyu imvugo zacu bisobanura guhitamwo amajambo abereye be no kuvuga mu buryo buzotuma ivyo tuvuga bihimbara uwutwumviriza. Kubigira igihe turiko turamamaza birahambaye cane.

2. Yezu yashoboye gute kubwira inkuru nziza umukenyezi w’Umusamariyakazi?

2 Akarorero ka Yezu: Igihe yari aruhukiye i ruhande y’iriba, Yezu yaribwirije aganiriza umukenyezi umwe w’Umusamariyakazi yari aje kuvoma. Akatari gake mu gihe c’ico kiyago, uwo mukenyezi yarashize ahabona ivyiyumviro vyerekena urwanko rwari rumaze igihe kirekire ruri hagati y’Abayuda n’Abasamariya. Yaraseruye kandi ivy’uko yemera ko Abasamariya bakomoka kuri Yakobo, naho Abayuda biyumvira bashimitse yuko Abasamariya bakomoka ku banyamahanga. Aho kuza arabeshuza ivyo avuze, Yezu yagumye ayaga na we mu buryo buremesha. Ico vyavuyemwo ni uko yashoboye kumubwira inkuru nziza yamugiriye akamaro yongera ikagirira n’abantu bo muri ico gisagara.—Yoh. 4:7-15, 39.

3. Dushobora gute gukurikiza akarorero ka Yezu igihe turi mu busuku?

3 Igihe twamamaza, turakwiye kugumiza mu muzirikanyi intumbero tuba dufise, na yo ikaba ari iyo “[ku]menyesha inkuru nziza y’ivyiza” (Rom. 10:15). Dushaka gushikiriza uwo dusanze ku muhana iciyumviro gihimbaye kandi kiremesha co muri Bibiliya, ntitumwereke ko turiko turarwanya ivyo yemera. Bishitse agaserura iciyumviro kitari co, si ngombwa ngo duce turwanya ivyo avuze. Mu vyo avuga, hoba harimwo ikintu dushobora guhurizako canke gufatirako kugira ngo tumukeze ata buryarya? Kumbure twoshobora gutanguza icanditswe mu kuvuga duti: “Woba urigera wiyumvira ko ibi bintu bishoboka?”.

4. Dukwiye gukora iki mu gihe uwo dusanze ku muhana aturyagaguye?

4 Tuvuge iki mu gihe uwo wasanze ku muhana akuryagaguye canke bikigaragaza ko yishakira gusa kuba araharira? Dukwiye kubandanya kugaragaza ugutekereza be n’ubwitonzi mu nyifato yacu be no mu mvugo (2 Tim. 2:24, 25). Mu gihe uwo muntu adashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami, vyoba vyiza tumusezeye tubigiranye ubugenge.—Mat. 7:6; 10:11-14.

5. Umuvukanyikazi umwe yiboneye gute ivyiza biva ku kwishurana urupfasoni?

5 Ivyiza bivamwo: Igihe umuvukanyikazi umwe yagerageza kubwira inkuru nziza umubanyi wiwe, uwo mukenyezi yaciye ashangashirwa, aramutukagura. Uyo muvukanyikazi wacu, abigiranye ubugwaneza, yaciye avuga ati: “Urantunga, sinari nzi ko uvyakira gutyo. Ni agasaga, ugire umusi mwiza”. Haciye indwi zibiri, wa mukenyezi yaradodoye ku rugi rwa wa muvukanyikazi wacu, arasaba ikigongwe ku kuntu yavyifashemwo, maze avuga ko yipfuza gutega yompi ivyo yashaka kumubwira. Kwishurana urupfasoni, kenshi biravamwo ivyiza.—Imig. 15:1; 25:15.

6. Ni kubera iki bihambaye ko dukoresha imvugo irunze umunyu mu busuku?

6 Niwihatire gukoresha imvugo irunze umunyu igihe wamamaza inkuru nziza. N’igihe nyene umunyamuhana atavyakiriye neza, yoshobora kuzogira umutima ukunze wo gutega yompi Ivyabona vya Yehova bamugendeye ubukurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika