Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Abantu benshi barasenga basaba ko Ubwami bw’Imana buza. Nk’akarorero, raba iki gisabisho abantu benshi bazi Yezu yigishije abayoboke biwe. [Soma Matayo 6:9, 10.] Woba urigera wibaza ubwo Bwami ico ari co be n’igihe buzozira? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ibivugako”.
Réveillez-vous! Nzero
“Kuva kera na rindi abakenyezi bamye bakumirwa bakongera bakagirirwa ivy’ubukazi. Wibaza ko ari kubera iki? [Rindira yishure.] Raba ukuntu Bibiliya yigisha abanega gufata abakenyezi babo. [Soma 1 Petero 3:7.] Iki kinyamakuru kirerekana gifatiye kuri Bibiliya ukuntu Imana na Kristu babona abakenyezi”.
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Ibi bivugwa ng’aha wewe woba uvyemera? [Soma Yakobo 3:2.] Iki kiganiro kirimwo inama ngirakamaro zo muri Bibiliya zidufasha kwirinda gukoresha amajambo yohava akomeretsa abagize umuryango wacu”. Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.
Réveillez-vous! Nzero
“Nta mubano utagira ingorane. Wibaza ko ari hehe abubakanye bokura impanuro zo kwizigirwa? [Rindira yishure.] Raba ubu buyobozi ngirakamaro. [Soma Abanyefeso 5:22, 25.] Iki kiganiro kirerekana ico bisobanura ku mukenyezi kuyobokera umunega wiwe”. Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 28.