Ikimenyamenya c’ukwizera gukomeye
1. Ni ibintu ibihe bihagarika umutima Yezu yavuze imbere y’igihe ko vyoshitse?
1 Intumwa zarateze yompi zitonze igihe Yezu yariko aravuga ibijanye n’ukuhaba kwiwe be n’ibijanye n’insozero y’ivy’isi. Abantu boshikiwe n’ibintu bibahagarika umutima nk’intambara, amapfa, ibinyamugigima n’ikiza. Yezu yabandanije avuga ko abayoboke biwe bokwanswe, bagashirwa mu makuba bakongera bakicwa. Abahanuzi b’ikinyoma bohagurutse kandi bakazimiza benshi. Urukundo rwa benshi rwokanye.
2. Ni kubera iki bitangaje kubona inkuru nziza iriko iramamazwa mw’isi yose?
2 Abo bigishwa bategerezwa kuba baratangaye igihe Yezu yababwira ko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe mw’isi yose ibintu vyifashe gutyo (Mat. 24:3-14). Muri kino gihe turabona ukuntu ubwo buhanuzi buteye umunezero buriko buraranguka mu buryo butangaje. Naho tubayeho mu bihe bidurumbanye, Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza babigiranye umwete. Mu gihe urukundo rw’abo muri iyi si rugenda rurakanya, urwacu rworwo rugenda rurarushiriza kururumba. Naho twankwa n’ “amahanga yose”, turamamaza mu mahanga nka yose.
3. Ni ibitigiri biremesha ibihe ubona kuri iyo raporo yo kw’isi yose?
3 Ese ukuntu biremesha kurimbura ibijanye n’igikorwa Ivyabona vya Yehova baranguye mu mwaka w’umurimo uheze, nk’uko biboneka kuri raporo iri ku rupapuro rwa 3 gushika ku rwa 6! Muri iyi myaka 16 ikurikirana, ku mwaka ku mwaka Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha arenga umuliyaridi mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Mbega ikimenyamenya c’ukwizera gukomeye Ivyabona vya Yehova bafise! Igitigiri c’abatsimvyi carongerekanye 5,8 kw’ijana, ic’abamamaji 3,1 kw’ijana, ic’inyigisho za Bibiliya na co congerekana 4,4 kw’ijana. Ababatijwe barongerekanye 20,1 kw’ijana ugereranije n’ababatijwe mu mwaka w’umurimo uheze. Birahimbaye kubona abantu hafi imiliyoni indwi bariko barasukurira Yehova badahemuka muri iki gihe kuruta ikindi gihe ico ari co cose co muri kahise k’abantu. Uravye kuri iyo raporo, ni ibiki canecane ubona bikuremesha?
4. Ni ingorane izihe umugabo umwe yatsinze igihe yariko ararondera kubatizwa?
4 Ni ivy’ukuri yuko ivyo bitigiri ari vyinshi cane, ariko ntidukwiye kwigera twibagira ko bigereranya abantu bagaragaje ko bafise ukwizera. Rimbura akarorero kamwe. Guillermo yakuriye muri Boliviya. Yavutse mu 1935, kuva agifise imyaka icenda akaba yakora mu murima w’ibiterwa vyitwa coca bivamwo ibiyayuramutwe. Kuva mu bwana bwiwe, yarahekenya amababi yavyo kugira ngo yiyibagize amaganya yava ku bikorwa bigoye kandi biruhisha cane yakora. Mu nyuma yaragiye mu vyo kunywa inzoga zirenze urugero n’itabi. Amaze kumenya ivyo Yehova amusaba, Guillermo yarahevye kunywa itabi yongera arahagarika kunywa inzoga zirenze urugero. Urugamba rutoroshe yari afise rwari urwo guheba akamenyero yagize kuva kera ko guhekenya amababi ya nya biterwa. Yarasenze Yehova adatezura maze aratsinda ako kamenyero. Ivyo yahora akora yarabishiburiye kure hanyuma arabatizwa. Avuga ati: “Ubu numva ntyoroye kandi numva mpimbawe cane”.
5. Icipfuzo cawe ni ikihe?
5 Yehova aritwararika abantu vy’ukuri. Ico yipfuza ni uko bose bashikira ukwigaya (2 Pet. 3:9). Ico ni co cipfuzo na twebwe dufise. Ese umutima wacu wodusunikira ku gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo tubandanye gufasha abantu b’imitima nziraburyarya kumenya Yehova no kumukunda nka twe!