‘Dukurikire neza intambuko ziwe’
1. Twoshobora gute kuba abasuku babishoboye?
1 Yezu ntiyize mu mashure y’Abarabi, yamara yari Umusuku ahambaye kuruta ababayeho bose. N’igishimishije, inkuru yanditswe ivuga ubusuku yaranguye, yarazigamwe kugira itugirire akamaro. Kugira ngo tube abasuku babishoboye, dutegerezwa ‘gukurikira neza intambuko ziwe.’—1 Pet. 2:21.
2. Ni igiki kizodufasha gukunda abantu nk’uko Yezu yabakunda?
2 Tugaragarize abantu urukundo: Kuba Yezu yaritwararikana urukundo abantu vyaratuma agira ico akoze. (Mrk. 6:30-34) Abantu benshi bo mu cibare cacu bari mu ‘mubabaro’ kandi baranyotewe ukuri. (Rom. 8:22) Tuzirikanye ku kuntu bamerewe nabi cane be no ku kuntu Yehova abitwararikana urukundo, bizotuvyurira umutima wo kubandanya twamamaza. (2 Pet. 3:9) N’ikindi kandi, abantu bazorushiriza kwakira neza ubutumwa tubashikiriza nibabona ko tubitwararika bivuye ku mutima.
3. Ni ryari Yezu yabwira abandi inkuru nziza?
3 Tuvuge igihe cose akaryo kabonetse: Igihe cose akaryo kabonetse ko kubwira abandi inkuru nziza, Yezu ntiyakagisha. (Mat. 4:23; 9:9; Yoh. 4:7-10) Nk’uko kwa Yezu, turakwiye kuba twiteguriye kuvuga ivyerekeye ukuri igihe turi mu bikorwa vyacu vya misi yose. Hari abama bitwaza Bibiliya n’ibitabu kugira ngo bashobore gushinga intahe ku kazi, kw’ishure, igihe bari ku rugendo, bagiye gusuma canke igihe bagiye ahandi hantu.
4. Twoshobora gute kwibanda ku Bwami mu gikorwa cacu co kwamamaza?
4 Twibande ku Bwami: Inkuru nziza y’Ubwami ni yo Yezu yibandako mu gikorwa ciwe co kwamamaza. (Luka 4:43) Naho tutoca ubwo nyene tuvuga iryo jambo Ubwami igihe twamamaza inkuru nziza, turagumiza ku muzirikanyi ivyo gufasha uwo turiko turayaga kubona igituma Ubwami bukenewe. Naho nyene twovuga yuko ukuba ivyo kw’isi vyifashe nabi vyerekana ko tubayeho mu misi y’iherezo, ahanini ‘tumenyesha inkuru nziza y’ivyiza.’—Rom. 10:15.
5. Kugira ngo tube ababishoboye mu busuku turangura, ni uruhara uruhe Bibiliya itegerezwa kugira?
5 Twiheke kw’Ijambo ry’Imana: Mu busuku bwose Yezu yaranguye, yariheka ku Vyanditswe. Ntiyigera yigisha ikintu na kimwe yibwiye. (Yoh. 7:16, 18) Yariga Ijambo ry’Imana akongera akaryikorako igihe yaba atewe na Shetani. (Mat. 4:1-4) Kugira ngo twigishe abandi mu buryo ngirakamaro, dutegerezwa gusoma Bibiliya ku musi ku musi kandi tugashira mu ngiro ivyo dusomye. (Rom. 2:21) Igihe twishura ibibazo batubajije turi mu busuku, turakwiye kwerekana ukuntu Bibiliya ishigikira ivyo tuvuga kandi tugaca tuyisoma igihe cose bishoboka. Dushaka ko uwo turiko turaganira abona ko tutariko dushikiriza ivyiyumviro vyacu bwite ariko ko twumira ku vyiyumviro vy’Imana.
6. Yezu yakoze iki kugira ngo ashikire umutima w’abamwumviriza?
6 Dushikire umutima igihe twigisha: “Ntiharigera haboneka uwundi muntu avuga nka we.” (Yoh. 7:46) Ukwo niko abapolisi bavuze ku vyerekeye Yezu igihe abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bababaza igituma batamufashe. Aho gupfa gusa gusigura ibintu, Yezu yarigisha ku buryo ashikira umutima w’abo yigisha. (Luka 24:32) Yakoresha ibigereranirizo vyo mu buzima bwa misi yose kugira afashe abantu gutahura ivyo avuga. (Mat. 13:34) Yezu ntiyicisha amajambo abamwumviriza. (Yoh. 16:12) Yakunda kuvuga ivyerekeye Yehova aho kuvuga ibimwerekeye. Nk’ukwo kwa Yezu, dushobora kuba abigisha beza igihe gusa ‘twama twiyubara ku vyo twigisha.’—1 Tim. 4:16.
7. Ni kubera iki Yezu yakomeye kw’ibanga mu busuku yarangura?
7 Dukomere kw’ibanga naho abantu boba batabinerwa kandi baturwanya: Naho Yezu yakora ibikorwa vy’ububasha, abantu benshi ntibamwumviriza. (Luka 10:13) Mbere n’abo mu muryango wiwe biyumvira yuko “yasaze.” (Mrk. 3:21) Naho vyari ukwo, Yezu yarakomeye kw’ibanga. Yagumye abona ibintu mu buryo bwiza kubera ko yari yarajijutse bimwe bishitse yuko yari afise ukuri gushobora gutuma abantu baronka umwidegemvyo. (Yoh. 8:32) Tubifashijwemwo na Yehova, na twebwe nyene turiyemeje kudaheba.—2 Kor. 4:1.
8, 9. Twoshobora gute kwigana Yezu mu kugira ivyo duhevye ku bw’inkuru nziza?
8 Tugire ivyo duhevye kugira tugire uruhara mu busuku bimwe bishitse: Yezu yarahevye ubuzima bwo kwidibamira kugira arangure ubusuku. (Mat. 8:20) Yaramamaza inkuru nziza yivuye inyuma, rimwe na rimwe agaheza ryitereye. (Mrk. 6:35, 36) Yezu yari azi ko umwanya wo kurangura ico gikorwa uharuye. Kubera ko “igihe gisigaye [ari] kigufi”, na twebwe nyene turakeneye guheba umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kugira twigane Yezu.—1 Kor. 7:29-31.
9 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari abasuku babishoboye kubera ko bari barigiye kuri Yezu. (Ibik. 4:13) Na twebwe nyene turashobora kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse mu gihe twokwigana uwo Musuku ahambaye kuruta ababayeho bose.—2 Tim. 4:5.