“Mwishireko ingǒgo yanje”
1 Mw’isi yuzuye imikazo n’imyitwarariko, twararuhuriwe bimwe vy’ukuri mu kwitabira akamo karangwa igishika Yezu atera ko kuronka ukuruhuka turi munsi y’ingǒgo yiwe. (Mat. 11:29, 30) Kwemera ingǒgo yo kuba umwigishwa birimwo kugira uruhara mu gikorwa kigoye yamara gituma umuntu yumva aruhuriwe. Birimwo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no gufasha abandi kuruhukana natwe turi munsi y’ingǒgo yoroshe ya Yezu.—Mat. 24:14; 28:19, 20.
2 Ubusuku buratuma twumva turuhuriwe: Yezu ntiyasavye abayoboke biwe kwongera umutwaro wiwe ku wo bari basanganywe. Yabasavye kuguza umutwaro wabo uremereye n’uwiwe uhwahutse. Ntituba tukiremerewe n’imyitwarariko be n’ukutagira icizigiro vyo muri iyi si; kandi ntituba tugikora ngo dutame turondera ubutunzi butari ubwo kwizigirwa. (Luka 21:34; 1 Tim. 6:17) Naho mbere twoba dufise vyinshi ducurumbamwo kandi tukaba dutegerezwa gukora kugira ngo turonke ivyo dukenera ku musi ku musi, ubuzima bwacu tubushingira ku gusenga Imana. (Mat. 6:33) Nitwaguma tubona neza ibintu bihambaye kuruta ibindi, ubusuku buzokwama buturuhura, aho kutubera umuzigo.—Flp. 1:10.
3 Mu bisanzwe, turaryoherwa no kuvuga ibintu dukunda. (Luka 6:45) Abakirisu bose baritwararika cane ivyerekeye Yehova be n’imihezagiro yasezeranye izozanwa n’Ubwami. Ese rero ukuntu biruhura kuvuga “inkuru nziza y’ivyiza”, gutyo tukibagira imyitwarariko tugira ku musi ku musi igihe tugira uruhara mu busuku! (Rom. 10:15) Ego ni ko, uko turushiriza gukora ikintu, ni ko kirushiriza kutworohera kandi ni na ko turushiriza kugira umunezero wo kugikora. Ku bw’ivyo, kwongereza umwanya tumara mu busuku mu gihe tubishoboye, bizotuma turushiriza kwumva turuhuriwe. N’ikindi kandi, ese ukuntu bituma tugira ingoga igihe abantu bakiriye neza inkuru nziza tubabwira! (Ibik. 15:3) N’igihe duhuye n’abatavyakira neza canke abaturwanya, ubusuku buzotuma twumva turuhuriwe mu buryo bw’impwemu nitwagumiza mu muzirikanyi yuko utwigoro tugira duhimbara Yehova be n’uko ivyiza vyose turonka tuzoba tubikesha uguhezagirwa na we.—Ibik. 5:41; 1 Kor. 3:9.
4 Twitabiriye akamo Yezu atera, turaronka agateka ko gukorana na we turi Ivyabona vya Yehova. (Yes. 43:10; Ivyah. 1:5) Nta na kimwe coza kiruhura kuruta ico!