ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/08 rup. 1
  • ‘Tube abiteguriye igikorwa ciza cose’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Tube abiteguriye igikorwa ciza cose’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Twitwararike abandi mu kuba twiteguye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutegura amajambo yo gutanguza ikiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 5/08 rup. 1

‘Tube abiteguriye igikorwa ciza cose’

1 Igihe Yezu yatangura isekeza rishasha ryo kwamamaza, yarafashe umwanya wo gutegura abigishwa biwe. (Mat. 10:5-14) Naho twese dufise vyinshi dukora, dufashe n’iminuta mikeyi yo kwitegura imbere yuko tuja mu busuku bw’inzu ku nzu, bizodufasha kwimbura ivyiza.—2 Kor. 9:6.

2 Ingene twokwitegura: Kwitegura neza bihera ku kumenya ibiri mu gisohokayandikiro dutegekanya gutanga. Turakwiye kandi kwiyumvira abantu bari mu cibare cacu. Ni ibiki bibaraje ishinga? Bemera ibiki mu vy’idini? Turashobora kuraba uburorero bwo gushikiriza inkuru nziza buri mu Gikorwa dukorera Ubwami be n’ivyiyumviro biri mu gatabu Uburyo bwo gutanguza ibiyago.

3 Kwumviriza neza imyerekano igirwa kw’Ikoraniro ry’umurimo na vyo nyene bizodufasha. Uko tuzogenda turamenyera gukoresha uburyo bwacu bwo gushikiriza inkuru nziza, ni ko umwanya wo kwitegura dukenera uzogenda uragabanuka. Ariko rero, igihe cose imbere yuko tuja mu busuku, twiyumviriye ivyo tuza kuvuga tukongera tukabandanya kuryohora uburyo dukoresha mu gushikiriza inkuru nziza, tuzorushiriza kuba ababishoboye. Turakwiye kandi gufata akanya tukaraba ko isakoshi tujana mu ndimiro irimwo ivyo tuza gukenera.

4 Ni igiki kizodufasha kwibuka uburyo dukoresha mu gushikiriza inkuru nziza? Kubusubiramwo n’ijwi ryumvikana ni uburyo bumwe bwo gushira mu bwenge ivyo dushaka kuvuga. Hari abagira imyimenyerezo mu kiringo c’inyigisho y’umuryango yabo. Abandi nabo babona yuko bifasha kwandika utuntu dukeyi ku gakaratasi maze bakagaterezako akajisho imbere y’uko bashikira umuhana.

5 Igituma ari ngirakamaro: Kwitegura neza biratuma turushiriza kuba ababishoboye mu busuku kandi tukabugiramwo umunezero. Biradufasha gushira umutima mu nda igihe turi ku muhana. Turashobora kurushiriza kwitwararika uwo turiko turayaga aho kwitwararika ivyo tugiye kuvuga. N’ikindi kandi, kumenya neza ibiri mu gisohokayandikiro tugomba gushikiriza bizodufasha kurushiriza guhimbarwa igihe turiko turagishikiriza.

6 Ivyanditswe biduhimiriza “kuba abiteguriye igikorwa ciza cose.” (Tito 3:1) N’ikindi gikorwa ciza ikihe coza kiruta kwamamaza inkuru nziza? Mu gihe twiteguye neza, turagaragariza icubahiro uwo turiko turayaga yemeye kwumviriza, tukongera tukakigaragariza Yehova we Mana duserukira.—Yes. 43:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika