Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! hamwe n’igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri. Hazogirwe akigoro ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana mu gitabu Senga Imana, canecane nimba hari abantu bamaze kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha be n’agatabu Ni ibiki Imana idusaba? Ruheshi: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Hazogirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Mukakaro na Myandagaro: Mukoreshe ako ari ko kose muri utu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Mwame mugavye!, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?, hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles,” Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Nos problèmes—Qui nous aidera à les résoudre?, Un livre pour tous, Une vie pleinement satisfaisante: Comment?, hamwe na Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!, canke akandi gatabu ako ari ko kose koba kaboneka mu ndimi kavukire.
◼ Inama z’abakurambere zikwiye kwihweza ikete ryo ku wa 6 Mukakaro 2006 rivuga ibijanye n’ukuntu bokwitegurira ivyago vy’ivyaduka bongere biyemeze neza ko bafise amakuru agezweho yobafasha gutora umwamamaji wese. Mu turere dukarirwa n’ivyago vy’ivyaduka, mukwiye kuba muzi n’ibindi vyoshobora kubafasha guhanahana amakuru n’abamamaji igihe ibintu vyihutirwa. Mu bisanzwe, uretse no mu gihe ibintu biba bikomeye, biraba ngirakamaro igihe abamamaji bahanahanye amakuru n’umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero bakukira canke uwundi mukurambere, mu gihe baba bagiye ahantu bamara ikiringo kinini, nko mu gihe boba bafashe urugendo baja mu kiruhuko canke mu vy’urudandaza, kibure mu gihe boba bari mu bitaro canke ahandi.