Urashobora kwironkera ubutunzi!
1. Ni kubera iki umuntu yorimbura ivyo gukora ubutsimvyi?
1 Woba urondera kugira umunezero mwinshi no gushira akanyota cane mu buzima bwawe? Woba uhimbarwa ukongera ugashira akanyota igihe ufasha abandi? Woba wipfuza kwongereza umurimo urangurira Yehova? Nimba inyishu yawe ari ego kuri ivyo bibazo vyose, urashobora rero kurimbura ivyo gukora umurimo w’ubutsimvyi busanzwe. Ego ni ko umuntu ategerezwa kurimbura ivyo ajejwe mu muryango, be n’ibindi asabwa n’Ivyanditswe, amagara make hamwe n’ingorane zo ku mubiri.
2. Nuvuge bumwebumwe mu butunzi bwo mu vy’impwemu abatsimvyi basanzwe baronka.
2 Ivyo Salomo yanditse ahumekewe n’Imana bisanisha umuhezagiro wa Yehova n’ubutunzi bw’ivy’umubiri. (Imig. 10:22) Muri iki gihe, umuhezagiro Yehova atanga uva ahanini ku kuba umuntu ari umutunzi mu vy’impwemu. Mwene ubwo butunzi ni umuyoro ku batsimvyi basanzwe. Nk’akarorero, baragira umunezero mwinshi mu kugira ico bahaye abandi igihe ‘bicungurira umwanya’ bawukura ku vyo bari gukora. (Kol. 4:5; Ibik. 20:35) Ibikorwa biranga urukundo barangura Yehova arabibona kandi arabikenguruka. Mwene ayo “matunga [yo] mw’ijuru” ntazokwigera ata agaciro. (Mat. 6:20; Heb. 6:10) N’ikindi kandi, uko abatsimvyi baguma bafise ‘ijisho riremuruye’ kandi bakizigira ko Yehova abaronsa ivyo bakeneye, ni ko n’ubucuti bafitaniye na we buca burushiriza gukomera.—Mat. 6:22, 25, 32; Heb. 13:5, 6.
3. Ni itandukaniro irihe riri hagati yo gukurikirana ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu n’ ubutunzi bwo mu buryo bw’umubiri?
3 Ugukurikirana amatungo y’ivy’umubiri akenshi bishikana ku “vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi vyonona.” (1 Tim. 6:9, 10; Yak. 5:1-3) Ntivyigera bigenda gutyo ku bijanye n’umuhezagiro wa Yehova. Kubera ko abatsimvyi basanzwe bamara umwanya munini mu busuku, birabafasha kugumana uburimbane mu vy’impwemu no kugumiza ijisho ku bintu birushirije kuba ibihambaye. (Flp. 1:10) Hari umuvukanyi umwe w’umwenjeniyeri yahevye akazi yakora kamutwara umwanya kugira ngo akore ubutsimvyi. Yavuze ati: “Nasanze akazi nakora karantesha umutwe. Ariko ubutsimvyi bwo si ukwo. Ubu ndafasha abantu nkongera nkabigisha ukuri. Ivyo vyararushirije gutuma numva nshize akanyota.”
4. Ni ivyiza ibihe abatsimvyi basanzwe baronka mu gihe baba bariko barabera abandi umuhezagiro?
4 Ni umuhezagiro ku bandi: Muri iki gihe, abantu bose bari mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Ahantu hose, abantu barakeneye bimwe bidasanzwe kugira icizigiro. Abamamaji b’Ubwami baragira umunezero iyo biboneye ukuntu abantu bihebuye bahinduka bakaba abafise icizigiro igihe bakiriye neza inkuru nziza. Ese ukuntu uwo munezero uba mwinshi ku batsimvyi basanzwe bamara amasaha arenga 800 ku mwaka ku mwaka bakora ico gikorwa ndokorabuzima!—1 Tim. 4:16.
5, 6. Ni ibiki vyoshobora kugufasha kuba umutsimvyi asanzwe?
5 Woba wariyumviriye ata gufyina ibijanye no gukora ubutsimvyi busanzwe? Vyoshobora gusaba ko “wicungurira umwanya ubereye” uwukuye ku bintu bidahambaye cane. (Ef. 5:15, 16) Abantu benshi babigenjeje gutyo kandi baroroheje ubuzima bwabo, bituma bashobora kugabanya umwanya bahora bamara bakora akazi ko mw’isi, kugira ngo bahebere umwanya wiyongereye ivyungura Ubwami. Woba ushobora gutunganya ivyawe kugira wifatanye na bo?
6 Nusabe ubukerebutsi buva kuri Yehova kugira ushobore gutunganya urutonde rwiza. (Yak. 1:5) Ni imihezagiro iyihe woca witega kuzoronka? Emwe, ni imihezagiro yo mu vy’impwemu agasenga! Yehova kandi azoguhezagira mu kukuronsa ivyo ukeneye mu buryo bw’umubiri. (Mat. 6:33) Abagerageza Yehova muri uwo muce, bazoronka ‘umugisha babure aho bawukwiza.’—Mal. 3:10.