Kwamamaza bisaba ukwihangana
1 Intumwa Paulo yaramaze imyaka irenga 30 arangura igikorwa kimara akanyota ari umwamamaji w’injili. Nk’uko biri mu bijanye n’igikorwa ngirakamaro ico ari co cose, igikorwa ciwe co kwamamaza nticari kibuzemwo ingorane. (2 Kor. 11:23-29) Naho vyari uko, Paulo ntiyatanye n’akabando. (2 Kor. 4:1) Yaratahura yuko inkomezi yari akeneye kugira ngo yihangane igihe yobaye ariko ararangura ubusuku bwiwe, zovuye kuri Yehova. (Flp. 4:13) Paulo yisunze akarorero yatanze ko kwihangana adahemuka, yarashobora kuvuga ati: “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu.”—1 Kor. 11:1.
2 Ukwihanganira ibigeragezo muri iki gihe: Ku musi ku musi, abenshi mu bavukanyi bacu barahangana n’ugutyekezwa, ukurwanywa, canke ukutanegwa ibintu, biturutse ku bagize imiryango yabo, abo bakorana, kibure abo bigana. (Mat. 10:35; Yoh. 15:20) Kumbure vyoshobora kuba ari uko bimeze no kuri wewe. Canke na ho, woshobora kuba uriko uranyinyana n’ingorane y’amagara, kibure ukuba wihata ku musi ku musi kugira ngo unanire ibintu bisamaza be n’inyosha mbi bigerageza ukwizera kwawe n’ukwihangana kwawe. Turashobora kuronka inkomezi biciye ku kwihweza uburorero bw’abasavyi b’Imana b’intahemuka bo mu gihe ca kera hamwe n’ubw’abakirisu bagenzi bacu bo muri iki gihe bahanganye n’ibigeragezo kandi bakabitsinda.—1 Pet. 5:9.
3 Turashobora kuronka ububasha bwo kuguma dushikamye mu busuku bwacu mu kuraba neza ko “[twambaye] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana.” (Ef. 6:10-13, 15) Gusenga dusaba ukwihangana na vyo nyene birahambaye. Imana iraduha impwemu yayo nyeranda kugira ngo dushobore kwihanganira ibigeragezo. (2 Kor. 6:4-7) Kugira ngo turoranirwe mu ntambara y’ivy’impwemu turimwo, dutegerezwa kwumvira ivyibutswa vy’Imana bidusaba guhindura umutima wacu ukaba mushasha. (Zab. 119:24, 85-88) Nka kurya nyene umwana yosoma incuro n’izindi ikete yandikiwe n’umuvyeyi munyarukundo, igihe dusoma Bibiliya ku musi ku musi birakomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Turaronka ubukerebutsi bwo kwihanganira ingorane biciye ku kwiyigisha tudahorereza, gutyo bigatuma ivyiyumviro vy’Imana bigira ico bikoze ku ngingo dufata kandi bigakomeza ukutadohoka kwacu.—Imig. 2:10, 11.
4 Ukwihangana kurazana imihezagiro: Nk’uko vyari biri kuri Paulo, twihanganye tudahemuka igihe turangura ubusuku bwacu bituma duhimbara umutima wa Yehova bikongera bikatuzanira imihezagiro kandi bikayizanira n’abandi. (Imig. 27:11) Ese twokwiyemeza kuguma twumiye kw’ibanga mu busuku, gutyo tukaba twerekanye yuko ukwizera kwacu gukomeye be n’uko “[ku]rusha agaciro inzahabu ishira naho isuzumishwa umuriro ikemezwa.”—1 Pet. 1:6, 7.