Iteraniro ry’umuzunguruko rizodufasha kuzigama kamere yacu y’ivy’impwemu
1. Ni uburyo bumwe ubuhe Yehova yashizeho kugira adufashe kurangura igikorwa yadushinze co gukwiragiza hose inkuru nziza?
1 Yehova araturonsa abigiranye umutima mwiza amakuru, ukumenyerezwa be n’indemesho dukeneye kugira turangure igikorwa yadushize co gukwiragiza hose inkuru nziza. (Mat. 24:14; 2 Tim. 4:17) Iteraniro ry’umuzunguruko tugira ku mwaka ku mwaka ni uburyo bumwe turonkeramwo ivyo bintu. Porogarama yo mu mwaka w’umurimo wa 2010 izoca irya n’ino umutwe-shimikiro uvuga ngo “Nuzigame kamere yawe y’ivy’impwemu” ushingiye ku Baroma 8:5 no kuri Yuda 17-19. Bitegekanijwe ko iyo porogarama izotangura mu ndwi yo ku wa 31 Myandagaro 2009.
2. (a) Iteraniro ry’umuzunguruko rizotubera ngirakamaro mu buryo butandukanye ubuhe? (b) Amateraniro y’umuzunguruko yo mu myaka iheze yagufashije gute mu busuku?
2 Ukuntu tuzoryungukirako: Iyo porogarama izotuma tuba maso ku bijanye n’ingeramizi ziduhanamiye, nk’ibisamaza bidusahura umwanya bikongera bigakevya ivyiyumviro vyacu ntitube tukibishira ku bintu bihambaye vy’ukuri. Tuzobona ukuntu tworwanya agatima ko kurekerana ibintu, twongere turimbure ibintu biranga umuntu akomeye mu vy’impwemu. Insiguro y’ibice izoshikirizwa ku w’iyinga izokwerekana ingene abantu ku giti cabo canke abagize imiryango bashobora gutera intambwe zituma bakomeza kamere yabo y’ivy’impwemu igihe bohura n’imikazo iguma yongerekana be n’ibintu bikomeye bigerageza ukwizera. Iyo porogarama izodufasha kurinda imitima yacu, kugumana amagara meza mu vy’impwemu, no kugumiza mu muzirikanyi mu buryo butomoye imihezagiro ihambaye irindiriye abazigama kamere yabo y’ivy’impwemu.
3. Iteraniro ry’umuzunguruko uzokwitaba rizoba ryari, kandi ukwiye kwiyemeza gukora iki?
3 Ukimara kumenya igihe iteraniro ry’umuzunguruko uzokwitaba rizoberako be n’ikibanza rizoberamwo, nutegekanye ivyo kuzoba ari ho uri no gutega yompi mu biringo vyose vy’imisi ibiri iryo teraniro rizomara. Nuhere amazinda yuko Yehova ahezagira utwigoro tw’umuntu w’umunyamwete.—Imig. 21:5.
4. Ni igiki tuzi tudakeka ko tuzoronka kw’iteraniro ryacu ry’umuzunguruko ryimirije?
4 Ego cane, Yehova ni we Mutanzi w’iyo ngabirano nziza. Iyo porogarama yateguwe n’umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa izoba co kintu nyene dukeneye kugira ngo tubandanye kuba abasuku bakirisu. Turakurira ubwatsi Yehova kubera indinganizo ziwe zose zidufasha “[kugumya] rwose kwa kwatura icese icizigiro cacu ata guhungabana.”—Heb. 10:23-25; Yak. 1:17.