Dushemeze Yehova buri musi
1. Ni igiki abasavyi b’Imana bumva bavyuriwe umutima wo kugira, kandi kubera iki?
1 Umwami Dawidi yaraseruye umwiyemezo yari afise wo gushemeza Yehova “uko bukeye,” eka mbere gushika ibihe bidahera. (Zab. 145:2, 7, 21) Na twebwe nyene turafise imvo zumvikana zo gushemeza Yehova buri musi.—Zab. 37:10; 145:14, 18; 2 Pet. 3:13.
2. Abagize imiryango boshobora gute gushemeza Yehova buri musi?
2 I muhira iwacu: Turafise ibitabu birimwo ibiganiro vyubaka twokoresha mu kugira ibiyago biri n’akamaro bishingiye ku bintu vy’impwemu igihe turiko turarimbura icanditswe c’umusi, turi mu gusenga kwo mu muryango be n’igihe turiko turategura amakoraniro y’ishengero. Abagize imiryango batari bake usanga bakunda gusangira bari hamwe n’imiburiburi rimwe ku musi. Ivyo biratuma bayaga batihutagiza, bisanzuye kandi bikabaronsa uturyo two gushemeza Yehova. Mwene ivyo biyago bisanzwe abavyeyi batanguza birashobora gufasha mu buryo bukomeye mu bijanye no kurera abana mu “kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.”—Ef. 6:4; Gus. 6:5-7.
3. Ni uturyo utuhe turonka two gushemeza Yehova igihe turi kumwe n’abavukanyi bacu?
3 Turi kumwe n’abavukanyi bacu: Igihe turi mu murimo wo mu ndimiro canke ku makoraniro y’ishengero, turaronka uturyo twiza igitangaza two gushemeza Yehova turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera. (Imig. 15:30; Flp. 4:8; Heb. 13:15) Kubera ko twese dukunda Yehova, igihe turiko turayaga dukwiye kworoherwa gushiramwo amajambo avuye ku mutima yo gukenguruka ukugira neza kwiwe.—Zab. 106:1.
4. Ni mu bihe ibihe ushobora gushemeza Yehova?
4 Igihe tuganiriza abatizera: Naho uko ivyacu vyifashe vyoshobora kutadukundira kugira uruhara mu busuku bwo ku mugaragaro buri musi, kuganiriza abo dukorana, abo twigana be n’abandi tuba turi kumwe ivyerekeye Yehova be n’imigambi yiwe naho koba ari akanya gatoyi, birashobora gutuma abantu b’umutima nziraburyarya bagira icizigiro. (Zab. 27:14; 1 Pet. 3:15) Igihe umuvukanyikazi umwe yari mu ndege afashe urugendo, yarashoboye kubwira inkuru nziza uwo bari bafatanije urugendo, uno akaba yarumvise ahumurijwe kandi aremeshejwe cane n’ivyo yumvise ku buryo yaciye aha uwo muvukanyikazi aderese yiwe be n’inomero ziwe za telefone kugira bazoshobore kuguma bahanahana amakuru. Kubera yuko isi irushiriza kwugarizwa n’ingorane kandi uko ivyayo vyifashe bikabandanya vyunyuka, abasavyi ba Yehova babandanya kuzanira abantu babatega yompi “inkuru nziza z’ivyiza.” Ivyo biratuma abandi bagira icizigiro bikongera bigatuma bashemeza Yehova.—Yes. 52:7; Rom. 15:11.
5. Ni kubera iki twipfuza gushemeza Yehova, kandi ivyo vyoshobora kuvamwo iki?
5 Ese ukuntu bitegerezwa kuba bihimbara Yehova igihe yumva abasavyi biwe bariko baramushemeza buri musi! Nk’uko ivyo Yehova yaremye tubona hirya no hino biguma bimushemeza, na twebwe nyene turashobora kubigira buri musi turi i muhira, mw’ishengero be n’igihe tuganira n’abandi bataratangura gushemeza Yehova hamwe natwe.—Zab. 19:1-4.