Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 5 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 5 GITUGUTU
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 1-3
No. 1: Gusubira mu vyagezwe 2:1-15
No. 2: Ni bande bazozurwa? (td 23A)
No. 3: Ni bande bazozuka? None bazoba hehe? (lr ikig. 36)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Woba ushaka kumenya ukuri? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nubaze abumviriza bavuge ibibazo vyo muri ako gapapuro vyabaye ngirakamaro kuruta ibindi mu cibare iwanyu. Nimushiremwo umwerekano w’ingene ako gapapuro gashobora gukoreshwa mu gutanguza inyigisho ya Bibiliya.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Nubwire inkuru nziza abantu bavuga urundi rurimi. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nimusubire mwihweze intambwe zitatu zivugwa mu gatabu Une bonne nouvelle pour des gens de toutes nations (Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose), ku rupapuro rwa 2, maze usabe umwamamaji yerekane ukuntu ako gatabu gashobora gukoreshwa mu cibare canyu. Mu mashengero ata bantu na bamwe bavuga urundi rurimi bari mu cibare cayo, nimushimike ku gushikira abantu bo mu cibare bose. Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 102 ing. 4 gushika ku rwa 104 ing. 1.