ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/09 rup. 3
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • ‘Kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko’
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Turakwinginze ubagendere udatebaganye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Kubera iki woca ugenda udatebaganye?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ingene ishengero ritunganijwe
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 10/09 rup. 3

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Ukwiye gukora iki igihe ubwiwe ngo uhagarike kwamamaza?

Mu bihe bimwebimwe, abapolisi barashikiriye abamamaji bariko baragira uruhara mu mice imwimwe y’ubusuku, babamenyesha ko bariko barahonyanga amategeko, maze baca bababwira ngo bahagarike ico gikorwa. Igihe usabwe kuva mu karere kanaka, ukwiye guca uvayo ubwo nyene kandi ubigiranye urupfasoni. (Mat. 5:41; Flp. 4:5) Ntugerageze gutorera umuti ico kibazo wewe ubwawe mu kuja mu vyo guharira ku bijanye n’uburenganzira amategeko aduha. Nimba bishoboka, nugerageze kumenya ubigiranye ubugenge inomero y’agakarata karanzi k’uwo mupolisi be n’ikirindiro akorerako. Mu nyuma, nuce ubimenyesha abakurambere mu maguru masha, bano bakaba bazomenyesha ibiro vy’ishami ibijanye n’ico kintu cabaye. Muri ubwo buryo nyene, nimba umukuru w’ikigo kinaka, uwujejwe kucitwararika canke uwundi muntu uwo ari we wese agihagarikiye agusavye kuva muri ico kigo, ukwiye guca ubwo nyene ukurikiza ivyo agusavye maze ukabimenyesha abakurambere. Kugaragaza ubwitonzi n’ukwicisha bugufi mu vyo tugirana n’abakuru birashobora gufasha cane mu gutuma twirinda ingorane zidakenewe.—Imig. 15:1; Rom. 12:18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika