Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi hamwe na Réveillez-vous! Igihe hari abagaragaje ugushimishwa, nimuganire kuri ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? Nimba abanyamihana baramaze kuronka ako gapapuro k’inkuru nziza, abamamaji bakwiye kwihatira gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Munyonyo: Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimba abanyamihana baramaze kuronka ico gitabu, abamamaji boshobora kubashikiriza igitabu Senga Imana, canke igitabu Ubumenyi, kibure igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 gicapuwe hakoreshejwe impapuro zikunda gucuya canke ikindi gitabu ico ari co cose casohowe imbere y’umwaka wa 1995. Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? na ko nyene koshobora gushikirizwa. Kigarama: Igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Nimba muri urwo rugo hariho abana, nimushikirize igitabu Igira Kuri wa Mwigisha Ahambaye.
◼ Urutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwa buri mwaka ntiruzokwongera gutangwa ari inyongera yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Ahubwo nyabuna, ishengero rimwerimwe ryose rizoza riraronka urutonde rw’umwaka, kandi ikopi yarwo imwe ikaba ikwiye guca imanikwa ku kibaho c’amatangazo mu Ngoro y’Ubwami. Iyindi kopi izoca ibikwa n’umucungezi w’ishure kugira ngo azoze arayikoresha igihe aha abanyeshure ibiganiro. Abamamaji bazobandanya kuronka buri kwezi ikopi yabo bwite y’Igikorwa dukorera Ubwami, ino ikazoza irerekana urutonde rwa buri ndwi rw’Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero, rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’urw’Ikoraniro ry’umurimo.
◼ Guhera mu ndwi itangura ku wa 1 Ntwarante 2010, mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero tuzobandanya igitabu “Niwiyegereze Yehova.” Amashengero akeneye ibindi bitabu mwene ivyo akwiye kubisaba mu vyo azosaba ubukurikira.