Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 26 Gitugutu 2009.
1. Ko Yehova ari we yabwiye Balamu ngo ajane n’abantu ba Balaki, ni kubera iki yashavuriye Balamu igihe yajana na bo? (Guh. 22:20-22) [w04 1/8 rup. 27 ing. 2]
2. Ni gute “ukutihanganira ubukeba” bugirirwa Yehova kwa Finehasi kudufasha kuzirikana ku kuba twariyeguriye Imana? (Guh. 25:11, NW) [w95-RU 1/3 rup. 29 ing. 13 canke w95-F 1/3 rup. 16 ing. 13]
3. Ni kubera iki Yosuwa yatowe ngo abe umusubirizi wa Musa? (Guh. 27:15-19) [w02 1/12 rup. 12 ing. 1]
4. Ibivugwa mu Guharūra 31:27 vyoshobora gute kubera indemesho abakirisu muri kino gihe? [w05 15/3 rup. 24]
5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe intunganyo y’ibisagara vy’ubuhungiro yagirira akamaro abantu muri Isirayeli? (Guh. 35:11, 12) [w95-RU 1/12 rup. 13 ing. 17 canke w95-F 15/11 rup. 14 ing. 17]
6. Ni kubera iki kugira ubwenge ari kamere ihambaye ku bakirisu, kandi ni ibiki biva kuri yo? (Gus. 1:13) [w03 15/1 30; w00-F 1/10 rup. 32 ing. 1-3]
7. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Itegeko rya Musa ryaserura ubugororotsi bw’Imana? (Gus. 4:8) [w02 1/6 rup. 22 ing. 8–rup. 23 ing. 9-10]
8. Wisunze ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:16-18 nusigure uburyo bwiza na bubi bwo kugerageza Yehova. [w04 15/9 rup. 26 ing. 6]
9. Isabato yari ifise intumbero iyihe, kandi ni icigwa ikihe indinganizo y’Isabato iha abakirisu? (Gus. 5:12) [w06 15/6 rup. 21 ing. 8, 9]
10. Ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 12:16, 24 bigira ico bikoze gute ku kuntu tubona ibijanye n’ubuhinga bwo kuvura hakoreshejwe amaraso y’umuntu ubwiwe? [w00 1/11 rup. 30 ing. 4]