Guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga
1. Ni akaryo akahe twagiye turaronka uko tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza mu vyibare twakebewe?
1 Yezu Kristu yari yaravuze yuko inkuru nziza yokwamamajwe hirya na hino kw’isi “ngo bibe intahe ku mahanga yose.” Umusuku wese agira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha aratahura ukuntu ayo majambo ahambaye. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Igihe tuba turi mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, twoshobora kubonana n’abantu bava mu bihugu bitandukanye bavuga ururimi rutandukanye n’urwacu. N’abo bantu barabereye kuronswa akaryo ko kwumva ubutumwa bw’Ubwami maze bagashigikira ukuri bashikamye imbere yuko wa musi uteye ubwoba wa Yehova ushika. (Mal. 3:18) None dushobora gute guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga mu cibare twakebewe?
2. Ni mu buryo ubuhe tuba twiganye Yehova igihe tuyagishije abavuga urundi rurimi?
2 Nitubone abavuga urundi rurimi nk’uko Yehova ababona: Kugira ngo twigane urukundo rwa Yehova mu bijanye no kutagira nkunzi mu cibare cacu, dutegerezwa kugira icipfuzo gikomeye co gufasha abantu ngo baronke ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ya Mana yonyene y’ukuri Yehova, naho boba bavuga ururimi uruhe. (Zab. 83:18; Ibik. 10:34, 35) Naho twitaho ahanini abavuga ururimi ishengero dukukira rikoresha, dutegerezwa kwitwararika ivyo abavuga urundi rurimi bakeneye kandi tukarondera uburyo butandukanye twokoresha kugira ngo tubabwire ubutumwa bw’Ubwami bw’Imana. Kwirengagiza abavuga urundi rurimi ntivyoba bihuye n’umugambi wa Yehova w’uko abantu bo mu mahanga yose babwirwa inkuru nziza. None twoshobora gute gufasha abantu tudasangiye ururimi?
3. Ni igikoresho ngirakamaro ikihe twaronkejwe, kandi dushobora gute kwitegurira kugikoresha?
3 Dukoreshe ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose (mu gifaransa): Ako gatabu kagenewe gukoreshwa igihe duhuye n’abo tudasangiye ururimi. Niwame ufise ako gatabu, umenyere imice itandukanye yako, kandi witegurire kugakoresha. Kugira ngo bikworohere guca utora aho urondera, nushire akamenyetso ku ndimi uhora wumva mu cibare cawe. Nimba ibisohokayandikiro vyo muri izo ndimi biboneka, vyoshobora kuba ngirakamaro wironkeje bikeya woca ushikiriza umuntu muhejeje kuganira ukoresheje ubutumwa buri muri ako gatabu.
4. Ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose gashobora gute gukoreshwa mu busuku turangura?
4 Nimba muhuye mu busuku n’umuntu avuga urundi rurimi ukaba utazi neza urwo rurimi urwo ari rwo, nuce ubanza kumwereka igipfukisho cose c’ako gatabu. Nuce uhindukiza ico gipfukisho umwereke ikarata y’isi yose iri indani, umwereke igihugu ubamwo ukoresheje ibimenyetso, maze werekane ko woshima kumenya aho uwo munyamuhana akomoka be n’ururimi avuga. Umaze kumenya ururimi avuga, nurabe ku rupapuro ruriko ibiri muri ako gatabu, umenye urupapuro urwo rurimi rubonekako, werekeze uwo munyamuhana ku ryungane riri mu ndome zizize ku mutwe w’urwo rupapuro, maze umwereke ko woshima yuko asoma ubwo butumwa. Ahejeje, numushikirize agapapuro k’inkuru nziza kari mu rurimi avuga canke umwereke iryungane risize ibara ry’ikivuvu, rino rikaba rivuga ko ufise umutima ukunze wo kuzogaruka kugendera uwo munyamuhana uzanye igisohokayandikiro co mu rurimi avuga. Nuce werekana akajambo kanditswe mu ndome zizize kavuga ngo “izina ryanje,” maze uvuge utomora izina ryawe. Niwerekane akajambo kanditswe mu ndome zizize kavuga ngo “izina ryawe,” maze urindire uwo munyamuhana akwishure. Nugire ibintu bitomoye utunganije kugira ngo uze usubire kumugendera.
5. Ni igiki dukeneye guca dukora kugira ngo twitwararike mu buryo bubereye abantu bavuga urundi rurimi baba bagaragaje ugushimishwa?
5 Intunganyo zo gukurikirana uwashimishijwe: Dutegerezwa kugira utwigoro twose kugira ngo tugendere abagaragaza ko bashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami, naho boba bavuga ururimi uruhe. Igihe tumaze kubona ko umuntu ashimishwa n’ivyerekeye Imana be n’Ijambo ryayo Bibiliya, dukwiye guca twuzuza ka gakaratasi kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) tugaca ubwo nyene tugahereza umunyamabanga w’ishengero kugira ngo karungikwe ku biro vy’ishami, gutyo uwo muntu yashimishijwe ashobore kugenderwa n’umuntu azi ururimi asanzwe avuga. Ibiro vy’ishami bizoca birungika ako gakaratasi mu mugwi usanzwe ukoresha urwo rurimi. Uwo mugwi umaze kuronka ako gakaratasi, wa muntu azoca agenderwa bidatevye. Umunyamabanga yoshobora guha umucungezi w’umurimo fotokopi y’ako gakaratasi kugira ngo amenye ukuntu abantu bavuga ururimi runaka bariko baragaragaza ugushimishwa. Ako gakaratasi gakwiye gukoreshwa igihe gusa uwo muntu agaragaje ko ashimishwa vy’ukuri.
6. Igihe duhuye n’umuntu ashimishwa avuga urundi rurimi, ni ibanga irihe tuba tujejwe?
6 Kuva harungitswe ka gakaratasi S-43 gushika nya muntu yashimishijwe agendewe n’umwamamaji yagenywe azi ururimi asanzwe avuga, hoshobora guca igihe kinaka. Ku bw’ivyo, mu ntumbero yo kugira akigoro ko gutsimbataza ugushimishwa kuba kwagaragajwe, wa mwamamaji yatanga ka gakaratasi S-43 yoshobora kubandanya avyurira ugushimishwa uwo muntu, gushika agendewe n’uwuzi ururimi asanzwe avuga. Mu bihe bimwebimwe, uwo muntu yashimishijwe yoshobora kuyoborerwa inyigisho ya Bibiliya. Ariko none, muri ico kiringo uwuzi urwo rurimi aba ataragendera nya muntu, umwamamaji yoshobora gute kuronka ibisohokayandikiro vyo muri urwo rurimi uwo muntu yashimishijwe avuga?
7. Ni intunganyo iyihe iriho yo kwironsa ibisohokayandikiro vyo mu rurimi ruvugwa n’abo twoshobora guhura?
7 Ibisohokayandikiro vyo mu zindi ndimi: Amashengero ntakwiye kuba afise ibisohokayandikiro vyinshi vyo mu zindi ndimi. Ariko rero, nimba umucungezi w’umurimo abonye ko abantu bavuga ururimi runaka batanguye gushimishwa n’ukuri, yoshobora gusanga bibereye ko mu bubiko haba hariho urugero rubayabaye rw’ibisohokayandikiro vyo muri urwo rurimi kugira ngo abamamaji babikoreshe. Nimba ivyo bisohokayandikiro bidashobora kuboneka mw’ishengero, bikwiye gusabwa. Vyoshobora gutwara igihe kinaka kugira ngo ibisohokayandikiro vyo mu rurimi kandondwa bishike mw’ishengero. Ku bw’ivyo, hariho intunganyo yuko umuntu ashobora gucapura ibisohokayandikiro abikuye kuri wa muhora www.watchtower.org. Usanga hariho ibisohokayandikiro vyinshi mu ndimi amajana n’amajana, umwamamaji canke uwo muntu ashimishwa akaba ashobora kubishikira bitagoranye. Nta gukeka ko iyo ntunganyo izoba ngirakamaro igihe tuzoba turiko turatsimbataza ugushimishwa kwagaragajwe n’abantu bavuga ururimi rutandukanye n’urwo tuvuga.
8. Ishengero rirangura uruhara uruhe mu bijanye no gutsimbataza ugushimishwa kw’abantu bavuga urundi rurimi?
8 Uruhara rw’ishengero: Mu bihe bimwebimwe aho usanga umugwi utari muto w’abantu bavuga ururimi runyamahanga uriko urashinga imizi, hoshobora kuba ata shengero riri hafi yaho rigira amakoraniro muri urwo rurimi. Ku bw’ivyo, abantu bashimishwa bavuga urundi rurimi mukwiye kubatumira ngo baze kwitaba amakoraniro yanyu. Igishika be n’ubwitwararitsi bagaragarizwa vyoshobora kubaremesha kwama bifatanya namwe badahorereza. Mu ntango hoshobora kubaho inzitizi zishingiye ku rurimi no ku mico kama, yamara urukundo nyakuri rwa gikirisu ntakirutangira mw’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova rikwiye kw’isi yose. (Zef. 3:9; Yoh. 13:35) Woba uvuga neza urundi rurimi? Nimba uruvuga neza kandi ukaba ufise umutima ukunze wo gukurikirana abantu bavuga urwo rurimi babwiwe ubutumwa, turagusavye ubimenyeshe umunyamabanga w’ishengero ukukira kugira ngo ayo makuru amenyeshwe ibiro vy’ishami. Ivyo bizofasha igihe ibiro vy’ishami bizoba biriko birarondera umwamamaji yobandanya afasha umuntu yashimishijwe.
9. Ni ryari vyoshobora gukenerwa ko abamamaji biga ururimi runaka, kandi ivyo bigenda gute?
9 Kwiga ururimi: Igihe uriko urafasha abantu bavuga urundi rurimi, ni vyiza kubaremesha gutangura kwifatanya n’ishengero rikoresha ururimi basanzwe bavuga nimba hari iriri hafi yabo. Ariko rero, igihe ivyo bidashoboka, abamamaji bamwebamwe boshobora gufata ingingo yo kwiga urwo rundi rurimi gutyo bagashobora kurushiriza gufasha abo bantu bashimishwa. Nimba ata shengero riri hafi yaho, ibiro vy’ishami vyoshobora gushinga ko vyoba ngirakamaro hatunganijwe umugwi wiga urwo rurimi kubera yuko aho hantu hari abimukira benshi canke abantu b’imvukira benshi. Hamwe vyoba ari ukwo biri, ibiro vy’ishami vyoshobora guca bimenyesha amashengero ari hafi y’aho ibijanye n’uko ico kintu gikenewe maze bigatunganya ivy’uko hashikirizwa itangazo ry’uko hagiye kubaho umugwi wiga urwo rurimi. Abasaba kwitaba ivyigwa vy’urwo rurimi bakwiye kuba bafise intumbero yo guca baja muri uwo mugwi canke iryo shengero kugira ngo bafashe mu guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa muri urwo rurimi.
10. Ni ryari umugwi ukoresha ururimi runyamahanga woshobora gutanguzwa, kandi ivyo bishingwa gute?
10 Gutanguza umugwi: Kugira ngo umugwi wo mu rurimi runaka utanguzwe, hategerezwa gushitswa ibintu nyamukuru bine. (1) Hakwiye kuba hariho abantu bahagije bashimishwa kandi hakaba hashobora kubaho iterambere mu murimo urangurwa muri urwo rurimi. (2) Abamamaji bakeya boba intimatima y’uwo mugwi bakwiye kuba bazi urwo rurimi canke bariko bararwiga. (3) Hakwiye kuba hariho umukurambere canke umukozi w’ishengero abishoboye kugira ngo aje imbere yongere ayobore n’imiburiburi ikoraniro rimwe buri ndwi muri urwo rurimi. (4) Hakwiye kuba hariho inama y’abakurambere yemeye guhagarikira uwo mugwi. Igihe ivyo bisabwa biba bikwijwe ku rugero rutegereka, inama y’abakurambere ica yandikira ibiro vy’ishami ikabimenyesha ibintu vy’ido n’ido vyerekeye uwo mugwi maze igasaba ko iryo shengero ryokwemererwa guhagarikira umugwi ukoresha ururimi runyamahanga. (Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe, rup. 105-106.) Uwo mukurambere ahagarikiye uwo mugwi yokwitwa “umucungezi w’umugwi” canke igihe ari umukozi w’ishengero akitwa “umusuku w’umugwi,” akaba ari we aba ajejwe ibanga ryo kuwitwararika.
11. Ni kubera iki ari agateka guteza imbere umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga mu cibare twakebewe?
11 Guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga mu cibare twakebewe ni umuce uhambaye w’isekeza ryo kwamamaza kw’isi yose ryatangujwe na Yezu Kristu, we Karorero kacu. Ese tworangura uruhara rwacu tubigiranye umwete maze tukibonera ukuntu Yehova abandanya guhindisha agashitsi amahanga maze akazana kuri we abantu b’igiciro. (Hag. 2:7) Ese ukuntu gusenyera ku mugozi umwe bimwe bishitse muri ako kigoro bitumara akanyota! Ese Yehova yohezagira utwigoro tugira duhurije hamwe ngo duteze imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga mu vyibare vy’amashengero dukukira uko twama nantaryo twibuka yuko naho abantu twoba tuvuga indimi izihe zidutandukanya, Imana ishobora gutuma uwo murimo utera imbere!—1 Kor. 3:6-9.