ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/09 rup. 5-8
  • Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure ry’indaro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure ry’indaro?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 11/09 rup. 5-8

Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure ry’indaro?

1. (a) Ni ingorane izihe abavyeyi bamwebamwe bahangana na zo mu bijanye n’amashure y’abana babo? (b) Ni kubera iki abavyeyi bamwebamwe barungika abana babo mw’ishure ry’indaro?

1 Abavyeyi bose bitwararika ibintu baripfuza gushingira abana babo umushinge mwiza mu buzima. Kugira ivyo babishikeko, birahambaye ko babaronsa inyigisho yo mu mashure nziza kandi iri ku burimbane. Akenshi usanga amashure yo mw’isi aronsa umuntu uturyo two kuzoronka akazi muri kazoza akongera agafasha abakiri bato gukura bakaba abantu bashobora kwitunga no gutunga imiryango yabo muri kazoza. Mu Burundi, abavyeyi b’Ivyabona barahangana n’ingorane idasanzwe ijanye n’amashure y’abana babo. Ku bantu batari Ivyabona, vyaracitse nk’ikintu gisanzwe kurungika abana mu mashure y’indaro, ayo usanga afise ibikoresho bikwiye kandi yigisha neza kuruta amashure menshi biga bataha yo mu karere babamwo. Ariko rero, abavyeyi bamwebamwe bararungika abana babo mu mashure y’indaro n’igihe mbere boshobora kuronka amashure biga bataha ameze neza.

2. (a) Ni ingingo ngenderwako iyihe ihambaye dusanga muri Mariko 8:36 dukwiye kurimbura? (b) Ico canditswe gishobora gute gukora ku bijanye n’ikibazo cerekeye amashure y’indaro?

2 Hari abovuga bati: ‘Nimba ishure ry’indaro ritanga inyigisho nziza kuruta, ni kubera iki tutovyungukirako?’ Mu kwishura ico kibazo, abavyeyi bakirisu bakwiye kurimbura babijanishije n’isengesho ibanga rihambaye cane kuruta bafise ryo kwitwararika ineza yo mu vy’impwemu y’abana babo. Yezu Kristu yabajije ati: “Mu vy’ukuri, umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba ubuzima bwiwe?” (Mrk. 8:36) Birumvikana ko ataco bimaze namba. Ku bw’ivyo, imbere yo gufata ingingo ku bijanye n’ico kibazo, ni ibiki abavyeyi bakirisu bakwiye kurimbura? Ni ibintu ibihe birangwa mu mashure y’indaro bibangamira kamere y’ivy’impwemu y’abana bacu?

3. (a) Ni ibintu bimeze gute birangwa mu mashure y’indaro muri kino gihe? (b) Ni umukazo uwuhe ivyo vyoshira ku bana bacu?

3 Akosho k’abandi banyeshure: Amashure amwamwe y’indaro yoshobora kuba atanga inyigisho yo ku rwego rwo hejuru; ariko twovuga iki ku bijanye n’ingingo mfatirwako zijanye n’inyifato runtu abanyeshure be n’abigisha bo muri iryo shure bisunga? Abanyeshure benshi babona ko ata kibi na kimwe kiri mu guhuza ibitsina imbere yo kwubaka izabo. Ubusuma, ukubesha be n’ukwiba inyishu z’ibibazo bibonwa nk’aho ari ibisanzwe. Ukumarana inambu y’umubiri kw’abasangiye igitsina, amashusho yerekana ubushegabo be n’ubupfumu usanga vyeze mu mashure amwamwe y’indaro muri iki gihe. Kubera yuko abana b’Ivyabona batagira uruhara muri iyo migenzo, usanga akenshi bahamwa, batyekezwa kandi bagashirwako umukazo ukomeye kugira ngo bisunge ukuntu isi ibona ibintu.—1 Pet. 4:4.

4. (a) Amashure y’indaro be n’ibigo bimwebimwe vya kaminuza bitandukanye gute n’ayandi mashure? (b) Ni ingaruka izihe ivyo bishobora kugira ku bana bacu?

4 Ego ni ko, hari aboharira bavuga yuko ukwo ari ko bimeze mu mashure yose. Ariko rero, amashure y’indaro be n’ibigo vya kaminuza bimwebimwe usanga bitameze nk’ayandi mashure. Ayo mashure aratandukanya abana n’abavyeyi babo. Abana babwirizwa gusangira, kurarana no kubana n’abana batubaha Yehova canke ngo biteho ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Ivyo bategerezwa kubigira amasaha 24 kuri 24! Bukebuke, ukwo kuba abana bacu bama bari kumwe n’abantu babi kurashobora kwonona ukwizera kwabo maze bigatuma bamererwa nabi mu vy’impwemu. (1 Kor. 15:33) Kubera yuko abo bana bataba bagishigikirwa mu vy’impwemu ubudahorereza n’abavyeyi babo banyarukundo, birashobora kworoha ko batangura kugira ubuzima burimwo tubiri, igihe bari kw’ishure bakigenza muri ubu buryo maze igihe bari kumwe n’abavyeyi babo i muhira bakigenza mu bundi buryo.—Zab. 12:2.

5. Niwigane akarorero k’ivyabaye koko mu buzima kerekana ingeramizi ziri mu kuja kwiga mu mashure y’indaro.

5 Rimbura akarorero kababaje k’umwamamaji yabatijwe umwe w’umuyabaga yagiye kwiga kw’ishure ry’indaro. Akiri mu mwaka wiwe wa mbere, hari umukobwa bigana yamweretse ko yipfuza ko bokundana. Yaranse ivyo uwo mukobwa yipfuza yongera abibwira abavyeyi biwe. Abavyeyi biwe baramwibukije ingeramizi zirimwo maze bamuremesha kwiyubara. Ariko rero uko igihe cagiye kirahaca, kubera ko uwo mukobwa be n’abandi banyeshure bigana baguma bamugirako umukazo, yarahavuye aragondozwa maze arasambana mu mpisho. Ikibabaje ni uko yabandanije akora ico caha umwaka n’igice gushika aho amaherezo cahavuye kimenyekana. Mbega ukuntu abavyeyi biwe bishwe n’agahinda igihe yacibwa mw’ishengero!

6. (a) Abavyeyi bamwebamwe bakunze kwibwira iki? (b) Ni kubera iki bitoba ari vyiza kwiyumvira gutyo? (c) Ni ikibazo ikihe abavyeyi bakwiye kwibaza, kandi kubera iki?

6 Abavyeyi bamwebamwe boshobora kwibwira ko igihe abana babo bimenyekanishije ko ari Ivyabona vya Yehova biciye ku vyo bavuga no ku vyo bakora, ngo bica bibakingira akosho kabi ko mu mashure y’indaro. Bibaza ko abarongoye ayo mashure boshobora kumbure guca bareka abana babo ngo ntibagire uruhara mu bikorwa abanyeshure bategekwa gukora bijanye n’ugusenga kw’ikinyoma canke bijanye n’ivy’isi. Abo bavyeyi baba bizeye ko ivyo bizoca bituma abandi banyeshure batarondera cane kubakwegera mu biyago bidatomoye no mu ngeso mbi. Yamara rero, ibishika vyerekana ko ibintu atari ukwo vyama vyagenze. Kuba uwutandukanye n’abandi igihe ukikujwe n’abakiri bato batibanga Imana bituma gukora ibigororotse birushiriza kugora. Kwama uba ahantu harangwa agatima k’ukutigenza runtu n’ubwikunzi kagaragazwa n’abakiri bato batizera biragira akosho gakomeye ku bana b’Ivyabona. Niwibaze uti: ‘Ubwo kurungika umwana wanje kw’ishure ry’indaro vyoba bizotuma yoroherwa canke atoroherwa no “[guhunga] ubusambanyi” be n’ibindi “bikorwa vy’umubiri”?’ (1 Kor. 6:18; Gal. 5:19-21) Abavyeyi batinya Imana barazirikana kuri mwene ivyo bibazo babijanishije n’isengesho.

7. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe abigisha bamwebamwe bashobora kwosha abana bacu? (b) Ni ibiki abigisha babwira abana bacu bihushanye n’ibivugwa muri Yohani 17:16?

7 Akosho k’abigisha: Mw’ishure iryo ari ryo ryose harashobora kubaho abigisha bononekaye mu vy’inyifato runtu bakoresha nabi ubukuru bafise, mbere ugasanga bahumbisha abanyeshure bigisha. Mu mashure y’indaro hoho, ibikorwa vy’abigisha nk’abo usanga bishoboka rwose ko bitamenyekana. Vyongeye, abigisha batari bake barinjiza mu banyeshure babo “ugukunda amahera” be n’ ‘umwiyemezo wo kuba abatunzi.’ (1 Tim. 6:9, 10) Abandi bigisha usanga bagerageza ata mvo mbi babigiranye kumenyereza abana kugira ngo babe abantu bafitiye akamaro ikibano bongere bahuze n’isi ibakikuje. Yamara aho harimwo iyindi ngorane. Ivyo iyi si yisunga biratandukanye n’ivyo abakirisu b’ukuri bisunga mu buzima. Magingo abigisha baremesha abanyeshure guhuza n’uko iyi si imeze, Yezu we yavuze yuko abayoboke biwe ‘batobaye ab’isi.’—Yoh. 17:16.

8. Igihe abana bafise ingorane, ni ibiki badashobora gukora igihe baba bari mu mashure y’indaro?

8 Bite ho nimba hadutse ingorane kw’ishure igihe abana bariko bagerageza gukurikiza ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya? Igihe nya bana biga mw’ishure ryo mu karere babamwo, aho abanyeshure biga bataha, kandi bakaba baba i muhira, barashobora kuganira ibibazo mwene ivyo n’abavyeyi babo. Abavyeyi na bo, barashobora kuyobora abana babo kandi kumbure bakaganira n’umwigisha. Ico bivamwo ni uko usanga ingorane be n’ukutumvikana bitorerwa umuti bidatevye. Mw’ishure ry’indaro hoho ibintu si ukwo biri. Abana bacu usanga bama bari munsi y’ubukuru n’ubuyobozi bw’abigisha babo badasenga Yehova. Igihe abana biyemeje gushigikira ingingo mfatirwako za gikirisu, bategerezwa kubigira bonyene, badafise kwa gushigikirwa n’abavyeyi babo kwa buri musi.

9. (a) Ni ibindi bintu ibihe amashure y’indaro atuma abana bacu badashobora gukora? (b) Amashure amwamwe yahatiye gute abana bacu kugira uruhara mu nsengo y’ikinyoma? (c) Ni kubera iki ivyo abavyeyi bakirisu batorota bavyemera?

9 Ukudacaruka: Mu mashure y’indaro abanyeshure ntibemererwa gusohoka hanze y’ikigo c’ishure. Kubera yuko abayobozi b’amashure batari bake batubaha ivyo twemera, ntibarekura abana b’Ivyabona ngo bitabe amakoraniro ya gikirisu canke ngo bagire uruhara mu murimo wo mu ndimiro bifatanije n’ishengero ryo mu karere baba barimwo. Amashure amwamwe yegukira amadini usanga ahatira abana bacu kwinjira mu rusengero, mbere yaranashize umukazo kuri bamwebamwe ngo bagire uruhara mu migenzo y’idini ry’ikinyoma. Kubera yuko bataba bacitaba amakoraniro y’ishengero, usanga abana ubwabo ari bo babwirizwa kwitunganiriza ingene baronka ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Mu mashure amwamwe y’indaro, abanyeshure b’Ivyabona boshobora kuza barakurakuranwa mu gusoma Bibiliya n’ibindi bisohokayandikiro bari kumwe. Ariko rero, nta muvyeyi mukirisu n’umwe yokwihenda ngo yiyumvire ko intunganyo nk’iyo yoba ihagije kugira ngo umwana wiwe aronke ivyo akeneye mu vy’impwemu. Ese ukuntu vyoba bitaranga ubukerebutsi kureka abana bacu ngo baje kwiga ku mashure azotuma batagira uruhara mu mirimo ya gikirisu kandi ntibifatanye n’abandi bakirisu, vyongeye rimwe na rimwe bakanahatirwa kuja gusenga mu madini yo muri Babiloni Akomeye!—Ivyah. 18:4.

10. (a) Ni ibiki bamwebamwe boshobora kuvuga kugira ngo bisigure ku gituma barungika abana mw’ishure ry’indaro? (b) Ni ingabisho iyihe Umunara w’Inderetsi watanze ku bijanye n’ico kintu?

10 “Ntimuzimizwe”: Hari abohava biyumvira, nk’uko abavyeyi benshi batizera bavyiyumvira, yuko igihe umwana avuye i muhira iwabo akaja kuba mw’ishure ry’indaro biri n’akamaro. Biyumvira yuko ngo ivyo hari ukuntu bifasha umwana gukura maze akaba umuntu yigenga. Abandi boshobora gutanga uburorero bw’abakiri bato b’abakirisu bize mw’ishure ry’indaro ubu basukura ari abakurambere abandi ari abatsimvyi, mu kwerekana yuko ‘amashure y’indaro atama ari mabi.’ Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1997, urupapuro rwa 30, ingingo ya 3, warahaye iyi mburi abavyeyi mu kuvuga uti: “Paulo yanditse ati: ‘Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.’ (1 Ab’i Korinto 15:33) Abakirisu b’abavyeyi ntibakwiye kuzimirizwa mu kwiyumvira yuko abana babo batazokomereka mu vy’impwemu mu gihe bama bari kumwe n’abadasukurira Imana. Inyuma y’ikiringo kinaka, abana bibanga Imana barashobora gucika ibiti ku mico ya gikirisu, kandi bagashobora gutakaza ugushima kwose bari bafitiye ibintu vy’impwemu. Rimwe na rimwe ivyo ntibihuta birigaragaza ku bavyeyi, gushika abana babo bamaze kuva mw ishure ry’indaro. Maze kenshi haba harengeranye kugorora ibintu.”

11. (a) Dushobora gute gushira mu ngiro impanuro dusanga mu Banyefeso 6:4 mu bijanye n’amashure y’indaro? (b) Igihe abavyeyi bandikishije abana babo mu mashure y’indaro, ni ubutumwa ubuhe baba bariko baratanga?

11 Ibanga ry’abavyeyi: Abavyeyi bamwebamwe barikoze ku ncuti no ku bindi Vyabona kugira ngo bakurikirane abana babo igihe bano baba bari kw’ishure ry’indaro. Biyumviriye yuko abo bantu bakuze bashobora gusuzuma ibikorwa n’inyifato vy’abana babo. Yamara rero Paulo yandikiye abavyeyi ati: “Ba se, ntimutere ishavu abana banyu, mugabo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) None wumva abavyeyi bashobora gute gushira mu ngiro iyo mpanuro itangwa n’Imana nimba abana babo babana n’uwundi muntu, canke biga mw’ishure riri kure cane aho kubagendera bishobora kuba bigirwa rimwe canke kabiri gusa mu kwezi, kibure aho vyoshobora kuba bidashoka ko umwana yitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza? Igihe abavyeyi bakirisu bandikishije abana babo mw’ishure nk’iryo, ni ubutumwa ubuhe baba bariko baraha abo bana babo? Baba bariko batuma abo bana babona ko kuronka inyigisho nziza yo mu mashure bisa nk’aho bihambaye kuruta gukoranira hamwe ku bw’ugusenga no kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Ubwo butumwa batanga burashobora kugira ikintu kibabaje bukoze ku kwizera kw’umwana be no kuri kazoza kiwe.—2 Tim. 1:5.

12. (a) Abavyeyi bose bafise ibanga irihe ku bijanye n’abana babo bwite? (b) Ni kubera iki dukeneye kwama buri musi tubonana n’abana bacu? (c) Kuba ico kintu gihambaye bishimikwako gute muri 1 Timoteyo 5:8?

12 Abavyeyi bakirisu bahumuye baratahura yuko ata mwigisha, ata shure canke incuti ishobora kubasubirira mu gikorwa bajejwe co kumenyereza abana babo ngo babe abasavyi b’Imana biyeguye. Emwe, iryo ni ibanga Imana yajeje abavyeyi! (Gus. 6:6, 7; Gal. 6:5) Abana bacu barakeneye kwama bafashwa kugira ngo bagume mu nzira ijana mu buzima. Barakeneye kwiga Bibiliya badahorereza, kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro no kwitaba amakoraniro yose. Abavyeyi barakeneye kubonana n’abana babo ku musi ku musi kugira ngo bashobore kubona ibimenyetso ivyo ari vyo vyose vyoba vyerekana yuko bariko baragirwako akosho kabi n’isi canke ko bariko baragoyagoya mu vy’impwemu. (Imig. 20:11) Abavyeyi ntiboharira yuko iryo ari ibanga ritoroshe. Nimba igihe abana bari i muhira bigusaba ko ugira akigoro kanini, ukabashigikira buri musi ukongera ugasenga udahorereza, vyogenda gute hamwe boba bari kure mw’ishure ry’indaro, aho ata mfashanyo idahorereza itangwa n’abavyeyi babo baronka? Ivy’uko ico kintu gihambaye birashimikwako muri aya majambo yahumetswe agira ati: “Nkako, nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe, aba yihakanye ukwizera akaba kandi abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.”—1 Tim. 5:8.

13. (a) Aho usanga ata mashure yisumbuye ariho mu karere iwanyu, abavyeyi bashobora gukora iki? (b) Nk’uko mu Banyefeso 6:4 no muri 1 Timoteyo 5:8 havyerekana, ni ibiki umuvyeyi atazoshobora gukora aramutse arungitse abana biwe ngo babane n’abandi? (c) Ni impanuro iyihe umushumba w’umwizigirwa yatanze ku vyerekeye ikibazo kijanye n’amashure y’abana bacu?

13 Hoba hari ukundi umuntu yobigenza? None abavyeyi bokora iki mu gihe basa n’abategerezwa guhitamwo gusa hagati y’ishure ry’indaro n’ishure biga bataha rikenye ibikoresho? Bamwebamwe basanze ivyabo ari ukwo bimeze, baragize intunganyo yuko haba ivyigwa vyo ku ruhande kugira ngo bongerereze inyigisho abana babo baronka. Abandi bavyeyi bararondera umwanya wo kwiyigishiriza abana babo canke bakabaronderera aho bashobora kwiga umwuga kanaka. Hari abavyeyi bashoboye kwimukira ahari amashure yisumbuye biga bataha yigisha neza. Nimba ivyo bidashoboka, kandi abavyeyi bakaba bahisemwo kureka umwana wabo akaja kuba kure yo muhira ku ncuti canke ku bandi bagenzi biwe bizera, bakwiye kumenya yuko ari bo bazobazwa ingaruka bizokwega. (Ef. 6:4) Ababa mu karere ata mashure yisumbuye ahari, vyoba biranga ubukerebutsi barimbuye bitonze impanuro nziza “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” atanga ku bijanye n’ico kibazo, imbere y’uko bafata ingingo.—Mat. 24:45; 1 Tim 3:2; w88-F 1/9 28-30; w82-F 15/11 30-31; w71-F 15/3 186-188.

14. Ni ibiki abavyeyi bashobora gukora igihe bibaye ngombwa ko abana babo biga mu mashure akenye ibikoresho aho biga bataha?

14 Ibintu bishika birerekana yuko n’igihe mbere abana b’Ivyabona baba biga mu mashure akenye ibikoresho biga bataha, akenshi usanga baca ubwenge, bakire gusa kuba bafise ishaka mu kwiga, bakora cane kandi bakurikirana neza ivyigwa. Biranafasha igihe abavyeyi bagira utwigoro turushirije kugira ngo bitwararike ivyo abana babo baba bariko bariga. Ivyo boshobora kubikora mu kumenyana n’abigisha, bakanabasaba impanuro ku bijanye n’ukuntu abana babo borushiriza kuba abanyeshure beza. Ivyo vyotuma, no mu mashure usanga akenye ibikoresho, abigisha bumva bavyuriwe umutima wo kugira akigoro karushirije mu vyo kuronsa abana b’Ivyabona inyigisho bakeneye.

15. Abakirisu bahumuye babona gute ibijanye no kwiga amashure?

15 Abavyeyi batinya Imana bipfuza yuko abana babo biga kugira ngo bibesheho bongere bitwararike amabanga basabwa n’Ivyanditswe ari abasuku b’Imana. Kugira ngo ivyo babishikeko, bipfuza ko abana babo baba abantu bashoboye kwiyumvira neza, kuvuga mu buryo butomoye kandi bashoboye gusoma no kwandika neza. Bashaka ko abana babo baba abantu bashoboye gukoresha neza Ivyanditswe be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya kugira ngo bagume batera imbere mu vy’impwemu bongere bagire uruhara mu busuku mu buryo bushitse kandi ngirakamaro. (1 Tim. 4:15; 2 Tim. 2:15) Abana bacu ibihumbi n’ibihumbi barashoboye kubishikako batarinze kuja mu mashure y’indaro canke mu bigo vya kaminuza vyoshobora kubangamira kamere yabo y’ivy’impwemu.

16. (a) Vyokwerekana iki hamwe umuvyeyi yoreka n’ibigirankana kamere y’ivy’impwemu y’umwana wiwe ikaja mu kaga kubera amashure yo mw’isi? (b) Ingorane ntihagaze he mu bijanye n’ico kibazo? (c) Ni igiki gihambaye kuruta agateka ako ari ko kose k’umurimo umuntu yoshobora gutakaza kubera ko yarungitse abana biwe kwiga mw’ishure ry’indaro?

16 Turavye izo ngeramizi zose zirimwo, abavyeyi bakirisu barungika abana babo kwiga mu mashure y’indaro canke mu bigo vya kaminuza bitabaronsa akaryo ko kwitaba amakoraniro y’ishengero agirwa buri ndwi no kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, ntibaba bariko batanga akarorero keza. Kubera ko kubigira vyokwerekana yuko umukirisu abuze ubukerebutsi be n’uko adahumuye mu buryo bw’impwemu, gufata ingingo nk’iyo vyoshobora gutuma ataba agikwije ibisabwa vyo gusukura ari umukurambere, umukozi w’ishengero canke umutsimvyi. (1 Tim. 3:1-5, 12, 13; Tito 1:5-9) Ivyo vyoba bisobanura yuko umuntu ata mabanga afise mw’ishengero ataco bitwaye arungitse abana biwe kwiga mu mashure nk’ayo? Oya! Abavyeyi bahumuye mu vy’impwemu batahura ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe mu bijanye n’ico kibazo, barabona ko gutakaza ibanga kubera kurungika umwana mw’ishure ry’indaro atari ho ingorane iri. Kuzigama kamere y’ivy’impwemu y’abana bacu ni co kintu gihambaye cane kuruta agateka ako ari ko kose k’umurimo umuntu yoronka canke yotakaza mw’ishengero. Abavyeyi bakirisu bafise “umuzirikanyi wa Kristu” bararazwa ishinga no gufasha abana babo kuronka ubuzima budahera kuruta ikibanza ico ari co cose boshobora kuronka mw’ishengero canke amahera ayo ari yo yose boba bizigira kuzoronka kubera barungitse abana babo muri mwene ayo mashure.—1 Kor. 2:16; Flp. 1:10.

17. Gushira mu kaga kamere y’ivy’impwemu y’umwana urondera kumuronsa inyigisho nziza kuruta yo mu mashure bimeze nko gukora iki?

17 Ugiye gukora iki? Kubera yuko bishobora kugira ico bikoze ku cizigiro abana bafise c’ubuzima budahera, abavyeyi bategerezwa guhitamwo ata gufyina kandi babijanishije n’isengesho, niba vyoba bibereye ko bashira abana babo mu kaga ko kubutakaza, mu kubarungika mw’ishure ry’indaro. Kubigira gutyo, vyoba bimeze nko kwitera mu nzu iriko irarurumba kugira ngo gusa urokore ikintu c’agaciro mu vy’amahera kiriyo ariko ukaruhira gutokombera. Ese ingene kwoba ari ukutabona kure umuntu aretse kwitwararika inyungu zo mu buryo bw’impwemu z’umwana wiwe kugira ngo akurikirane inyungu zoshobora kuva ku nyigisho itangwa mw’ishure ry’indaro!—Mat. 16:26.

18. (a) Ni impanuro iyihe iranga ubukerebutsi dusanga mu Migani 22:3? (b) Ico canditswe gishobora gute gushirwa mu ngiro?

18 Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, arīkinga, arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.” (Imig. 22:3) Ese abavyeyi bose bakirisu bokurikiza ubukerebutsi buva hejuru maze ‘bakabona ingeramizi’ kugira ngo bakingire kamere y’ivy’impwemu y’abana babo! Kubera yuko “umuhero w’ibintu vyose [we]gereje,” abavyeyi bakirisu bakwiye kurimbura iki kibazo ata gufyina kandi babijanishije n’isengesho: ‘Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure ry’indaro?’—1 Pet. 4:7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika