ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/09 rup. 4
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 12/09 rup. 4

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Kigarama: Igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Nimba muri urwo rugo hariho abana, nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nzero: Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimba umunyamuhana yaramaze kuronka ico gitabu, murashikiriza igitabu Ubumenyi, igitabu Senga Imana, agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba, igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 kimaze gutangura gucuya, canke ikindi gitabu ico ari co cose casohowe imbere y’umwaka wa 1995. Ruhuhuma: Nimushikirize kimwe muri ibi bisohokayandikiro nimba biriho: Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?, La Bible : Parole de Dieu ou des hommes? canke Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo.

◼ Icibutso co mu mwaka wa 2011 kizoba ku w’iyinga, igenekerezo rya 17 Ndamukiza, izuba rirenze. Ivyo bimenyeshejwe hakiri kare kugira ngo abavukanyi bashobore gutegekanya ibikenewe mu vyo gukota ibibanza mu gihe hoba hariho amashengero menshi akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, bikaba ngombwa yuko haronderwa izindi nyubakwa.

◼ Udukaratasi tw’ubutumire bw’Icibutso two mu 2010 turi mu rurimi ishengero rimwerimwe ryose risanzwe rikoresha tuzorungikwa vuba. Nimba hari izindi ndimi zivugwa mu cibare canyu maze mukaba mwipfuza kuronka udukaratasi tw’ubutumire two muri izo ndimi, ivyo bikwiye guca bisabwa mu maguru masha mu kurungika rwa rukaratasi rwo gusabirako ibisohokayandikiro (S-14). Urutonde rw’indimi ubutumire bw’Icibutso bubonekamwo ruzosohorwa muri rya kete ryama buri kwezi ryerekana ibisohokayandikiro biriho.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika