Woba witeguriye kuririmbira Yehova ku makoraniro yacu?
1 Kwitegura kugira ngo ugire uruhara mu makoraniro tugira birimwo no kwitegurira kuririmba indirimbo z’amashemezo. Rimbura inama ugirwa zikurikira.
2 Nutahure amajambo agize izo ndirimbo: Icanditswe ururirimbo ruba rushimikiyeko be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mpera y’ururirimbo rumwerumwe rwose, birashimika ku vy’uko amajambo arugize ashingiye ku Vyanditswe.
3 Niwimenyereze: Murashobora gukoresha umwanya mutoya mu wagenewe Ugusenga kwo mu muryango buri ndwi kugira ngo mwimenyereze izo ndirimbo nshasha. Nimuririmbe mujana n’umuziki w’igicurarangisho wafashwe uherekeza indirimbo zizokoreshwa kuri buri koraniro. Hari aho mwoshobora kumenya umuziki be n’amajambo ya zimwezimwe muri izo ndirimbo nshasha mu kwumviriza indirimbo zirimwo amajambo zo mu kadisiki Chantons à Jéhovah—Version chantée, CD 1.
4 Woba uzoba witeguye igihe tuzotangura gukoresha ku makoraniro yacu igitabu Ririmbira Yehova? Uzobishikako niwafata umwanya kugira ngo utahure insobanuro y’izo ndirimbo ukongera ukimenyereza kuziririmba.