ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/09 rup. 3
  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 12/09 rup. 3

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 28 Kigarama 2009.

1. Abakirisu muri iki gihe bashobora gute gushira mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 14:1? [w05 1/1 rup. 28; w04 15/9 rup. 27 ing. 3]

2. Amajambo dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 20:5-7 ashobora gute gukora mw’ishengero rya gikirisu muri iki gihe? [w04 15/9 rup. 27 ing. 4]

3. Mu bijanye n’intambara, Abisirayeli bari batandukanye gute n’ayandi mahanga? (Gus. 20:10-15, 19, 20; 21:10-13) [cl rup. 134-135, ing. 17]

4. Ni igiki gishobora kudufasha gusukurira Yehova dufise umunezero wo mu mutima? (Gus. 28:47) [w95-RU 1/2 rup. 15 ing. 4-5 canke w95-F 15/1 rup. 16 ing. 4-5]

5. Abavyeyi bashobora gute kwungukira ku kigereranyo kivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 32:9, 11, 12, kino kikaba cerekana urukundo Yehova yakunda Isirayeli? [w01 1/10 rup. 20 ing. 7-9]

6. Ni kubera iki Rahabu ayovya abantu batumwe n’umwami bariko barondera abatasi? (Yos. 2:4, 5) [w04 1/12 rup. 9 ing. 1]

7. Ni icigwa ikihe twigira ku karorero k’Abisirayeli kavugwa muri Yosuwa 3:15, 16? [w04 1/12 rup. 9 ing. 6]

8. Ni ibiki dushobora kwigira ku kuntu Yosuwa yavyifashemwo ku bijanye n’ubusuma bwa Akani? (Yos. 7:20-25) [w04 1/12 rup. 11 ing. 4]

9. Ni igiki cafashije Yosuwa kugira ukwizera be n’umutima rugabo, kandi dushobora gute kugira ukwizera nk’ukwo nyene? [w06 1/10 rup. 16 ing. 3; rup. 18, ing. 9]

10. Kalebu yerekanye gute ko yari yizigiye Imana, kandi dukwiye gukora iki kugira ngo dutoneshwe na Yehova? (Yos. 14:10-15) [w08 15/2 rup. 5 ing. 12, 13]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika