Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Munyonyo
“Woba wibaza ko ibintu vyose vyigishwa mu madini biva muri Bibiliya? [Rindira yishure.] Bibiliya itugabisha ngo tube maso kugira ntiduhendwe ngo twemere ibinyoma. [Soma Abakolosayi 2:8.] Iki kinyamakuru kirashira ahabona inyigisho zitandatu zigishijwe kuva kera ziteye kubiri n’Ijambo ry’Imana.”
Réveillez-vous! Munyonyo
“Ibikoresho nka telefone ngendanwa na orodinateri biramaze kuba ibintu bisanzwe mu buzima. Woba wibaza ko gukoresha ubwo buhinga bwa none bituma umuntu acungura umwanya, canke bituma awutakaza? [Rindira yishure.] Benshi boshobora guhuza n’iyi ndemesho duhabwa yo gukoresha umwanya mu buryo buranga ubukerebutsi. [Soma Abanyefeso 5:15, 16.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu dushobora gukoresha ubuhinga bwa none mu buryo buri ku burimbane kandi burimwo ukwitwararika ibintu.”
Umunara w’Inderetsi 1 Munyonyo
“Imiryango isa n’iyirushiriza kugira imikazo. Wibaza yuko imiryango yomera gute hamwe abayigize bogerageza kwigana aka gatima Yezu yari afise? [Soma Matayo 20:28. Nuce urindira yishure.] Iki kiganiro kiraca irya n’ino ivyigwa bitanu abagize imiryango bokwigira ku karorero ka Yezu.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 16.
Réveillez-vous! Munyonyo
“Woba ubona idini nk’ikintu gituma haba urukundo n’amahoro canke uribona nk’ikintu gituma haba urwanko n’ubukazi? [Rindira yishure.] Bisa n’uko abantu benshi batariko barashira mu ngiro aya majambo Yezu yavuze. [Soma Matayo 5:44, 45.] Iki kiganiro kiratanga inyishu y’iki kibazo: Vyoba bishoboka ko umuntu akunda abansi biwe?” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.