ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/10 rup. 2
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nutege Ugutwi Ivyavuzwe Vyeranda
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ukuntu Yehova Ariko Aratuyobora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 1/10 rup. 2

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Umwe wese ashobora gute gufasha kugira ngo ku makoraniro y’ishengero hagume hari akayaga keza mu bijanye no kwiga? (Gus. 31:12)

Kubera ko twese twubaha bimwe bigera kure Yehova be n’intunganyo y’amakoraniro y’ishengero yashizeho, turaremeshwa gushika hakiri kare no kuba abiteguriye kwigishwa na we. Ni ngirakamaro ko twicara mu bibanza vy’imbere mu ngoro, ibibanza vy’inyuma tukabisigira abifise abana batobato be n’abo bishika bagacererwa. Imbere yuko ikoraniro ritangura, ibikoresho vyo mu buhinga bwa elegitoronike birakwiye kuregerwa ku buryo bidasamaza abariko barumviriza. Ibintu bisamaza bizoba bike vyongere bibe bitobito mu gihe abari ng’aho bose bagumye bagaragaza agatima ko kwubaha gushika ikoraniro rirangiye.—Umus. 5:1; Flp. 2:4.

Igihe hari abashasha batanguye kwitaba amakoraniro, umwe mu bagize ishengero abazi yoshobora kubasaba nimba yokwicarana na bo. Ivyo vyoshobora gufasha na canecane igihe baba bafise abana batobato babwirizwa kumenyerezwa. Kwitaba amakoraniro coshobora kuba ari ikintu gishasha ku bagize uwo muryango. Nimba ari ukwo vyifashe, birashoboka cane ko boshima kwicara inyuma aho bitosamaza abandi cane hamwe abavyeyi bobona ko bikenewe yuko basohoka bakava mu ngoro nkuru kugira bitwararike ivyo abo bana bakeneye. (Imig. 22:6, 15) Imiryango ifise abana batobato ntikwiye kwicara ahantu hatandukanye n’aho abana bari, kuko baca bumva yuko bafise umwidegemvyo wo gutera urwamo. Muri rusangi, biraba vyiza kuruta abavyeyi bakosoye abana canke bakitwararika ivyo umwe wese ku giti ciwe akeneye batari mu ngoro nkuru maze bahejeje bakabagarukana.

Abakira abantu barafasha kugira mu nzu yo gusengeramwo hagume hari akayaga kabereye. Barafasha imiryango be n’abo bishika bagacererwa kuronka ibibanza bibereye. Abakira abantu baragumiza mu muzirikanyi iciyumviro c’uko bakwiye kugira ibintu mu buryo burimwo ubugenge n’ubwenge mu gufasha abandi kwicara neza ata bibasamaza bidakenewe. Barakoresha ukubona ibintu mu buryo bwiza igihe habaye ibintu ivyo ari vyo vyose bisamaza bitari vyitezwe. Igihe inyifato y’umwana munaka isamaje abandi, abakira abantu boshobora kugira ico bafashije babigiranye umutima mwiza.

Ababa bari ku makoraniro bose ku bw’ugusenga, barashobora kugira ico baterereye mu gutuma haba akayaga keza mu bijanye no kwiga ivyerekeye Yehova n’umugambi afise wo kuzana isi nshasha irimwo amahoro n’ukugororoka.—Heb. 10:24, 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika