ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/10 rup. 7
  • Ingene twomenyereza abashasha kwamamaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twomenyereza abashasha kwamamaza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku​—Tumenyereze abashasha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Bamenyereze kwamizako mu gukorera Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gufasha uwo mwajanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Igice ca 10: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 5/10 rup. 7

Ingene twomenyereza abashasha kwamamaza

1. Wumvise umerewe gute umusi wa mbere wagira uruhara mu busuku?

1 Woba wibuka umusi wa mbere wagira uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu? Ushobora kuba warahagaritse umutima. Nimba wariko ukorana n’uwakwigisha Bibiliya canke uwundi mwamamaji, utegerezwa kuba warahimbawe n’imfashanyo yaguhaye. Kubera yuko ubu umaze kumenya utuntu n’utundi mu busuku, urashoboye gufasha mu kumenyereza abakiri bashasha kwamamaza.

2. Ni ibiki abamamaji bashasha bakeneye kumenya?

2 Abamamaji bashasha barakeneye kumenya ukuntu botangura kuyaga n’umunyamuhana, ukuntu bokoresha Bibiliya bageze ku muhana, ukuntu bogira amasubirayo be n’ukuntu botanguza inyigisho za Bibiliya bakongera bakaziyobora. Barakeneye kandi kumenya ukuntu bovyifatamwo mu mice itandukanye y’igikorwa co kwamamaza, nko kwamamaza mu mabarabara canke kuyagisha abantu mu bibanza badandarizamwo. Urashobora kubafasha kugira ivyo baryohoye muri iyo mice, haba mu karorero ubaha canke mu nama ubagira.

3. Twofasha gute abandi biciye ku karorero dutanga?

3 Nubigishe biciye ku karorero utanga: Yezu yareretse abigishwa biwe ukuntu bokwamamaza. (Luka 8:1; 1 Pet. 2:21) Igihe utegekanya gukorana n’umwamamaji akiri mushasha, nutegure uburyo bworoshe bwo gushikiriza inkuru nziza uwo mwamamaji ashobora kwigana, kumbure ukoresheje uburyo dusanga muri kimwe mu bisohokayandikiro vyacu. Nuce rero ubwira uwo mwamamaji yuko ugira utanguze ikiyago ku nzu ya mbere canke zibiri za mbere kugira ngo akurikire ivyo uvuga. Igihe muvuye ku muhana mugiye ku wundi, woshobora gusaba nya mwamamaji ngo agire ico avuze ku vyiza vyavuye ku kuntu washikirije inkuru nziza. Ivyo biramufasha kubona akamaro ko gukorana n’abandi mu busuku kandi bigatuma yoroherwa no kwemera inama umugira ahejeje gushikiriza inkuru nziza.

4. Twofasha gute umwamamaji mushasha, duhejeje kwumviriza ingene yashikirije inkuru nziza?

4 Nubagire inama: Yezu kandi yarahaye abigishwa biwe ubuyobozi bw’ukuntu bokwamamaza. (Mat. 10:5-14) Urashobora gufasha umwamamaji mushasha mu buryo busa n’ubwo. Igihe aramukiwe gufata ijambo, numutege yompi. Muvuye ku muhana, nuce umukeza cane udomako kandi ata buryarya, n’igihe nyene woba wabonye ko hari ivyo akeneye kuryohora mu buryo yashikirije inkuru nziza. Imbere yo kumugira inama, hari aho woshima kuraba niba agira ico aryohora ku muhana ukurikira. Hari aho wosanga yari yahagaritse umutima. Vyongeye, nugumize ku muzirikanyi ko abamamaji bose badafise ubushobozi bumwe; kandi akenshi usanga hari uburyo bwinshi bwiza bwo gukora ikintu.—1 Kor. 12:4-7.

5. Twovuga iki igihe twibwirije kugira inama umwamamaji mushasha?

5 Rimwe na rimwe umwamamaji mushasha arashobora kugusaba ngo umugire inama. Ariko atabigusavye, niwibwirize kumufasha. None ivyo wobikora gute ubigiranye ubugenge? Abamamaji bamwebamwe bazi utuntu n’utundi bibariza gusa bati: “Noshobora kuguterera iciyumviro?” canke ngo: “Wabonye vyagenze gute?” Ubundi buryo bwo kubigira ni ukuvuga uti: “Igihe nari umwamamaji mushasha, vyarangora . . . , ariko nasanze bifasha . . . ” Rimwe na rimwe biraba ngirakamaro musuzumiye hamwe ubuyobozi duhabwa mu Gikorwa dukorera Ubwami. Kugira ngo ntumuremereze impanuro nyinshi, numugire inama ku kintu kimwe gusa ku bijanye n’ingene yashikirije inkuru nziza.

6. Mu bijanye n’ubusuku, ni gute “icuma gikarisha ikindi”?

6 Icuma gikarisha ikindi: Timoteyo, wa mwamamaji w’injili yari abimenyereye, yararemeshejwe na Paulo gushishikara kwijukira kwigisha no kugira iterambere. (1 Tim. 4:13, 15) Naho hoba haheze imyaka myinshi utanguye kuja mu busuku, ntiwigere ureka kugerageza kuryohora ubuhanga bwawe. Niwigire ku bamamaji mukorana, mbere na barya bataramenya utuntu n’utundi mu busuku, kandi wame witeguriye gufasha abandi ubigiranye umutima mwiza, na canecane abakiri bashasha, kugira ngo babe abasuku b’inkuru nziza b’abahanga.—Imig. 27:17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika