Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 20 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 20 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 79 (66)
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 29 uruzitiro ruri ku rup. 299, na ikig. 30 ing. 1-3
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 20-24
No. 1: 2 Ngoma 20:1-12
No. 2: Kwiga no kuvuga rwa rurimi rutyoroye bisaba iki? (Zef. 3:9)
No. 3: Ibisabwa kugira umuntu arangure ubusuku (td 40B)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Ururirimbo rwa 12 (109)
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Woba umaze kubigerageza? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mu buryo bw’insiguro, nimusubire mwihweze muri make amayagwa ari muri ibi biganiro biherutse gusohoka mu Gikorwa dukorera Ubwami: “Woba umaze kwereka umuntu ugendeye ubwa mbere ingene inyigisho iyoborwa?” na “Ingene twomenyereza abashasha kwamamaza” (km 5/10) be na “Urashobora gushinga intahe akaryo kizanye!” (km 8/10). Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bagerageje gushira mu ngiro inama tugirwa muri ivyo biganiro be n’ingene bavyungukiyeko.
Imin. 15: Niwamamaze umeze nk’uko usanzwe umeze. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 128, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 129, ingingo ya 1. Nubaze muri make ibibazo umwamamaji abimenyereye yatsinze amasoni. Ni igiki kimufasha kudahagarika umutima cane igihe ari mu busuku?
Ururirimbo rwa 17 (29)