Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 11 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 11 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 34 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 6 ing. 9-16 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 69-73 (Imin. 10)
No. 1: Zaburi 72:1-20 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ibatisimu ntiyoza ibicumuro (td 6B) (Imin. 5)
No. 3: Ivyigwa abakiri bato bokwigira ku Mwami Hezekiya na Yosiya (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nukoreshe ibibazo kugira wigishe mu buryo kirumara—Igice ca 3. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 239. Nimugire umwerekano mugufi mwisunze iciyumviro kimwe canke bibiri bikuwe muri ayo mayagwa.
Imin. 10: “Tugire ‘impuhwe z’ikibabarwe.’” Ibibazo n’inyishu.
Imin. 10: Niwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi. (Flp. 1:10) Nubaze ibibazo serugo umwe canke babiri bagira uruhara n’umwete mu busuku badahorereza naho bafise akazi k’imisi yose canke amabanga menshi mu muryango. Baronka gute umwanya w’ubusuku kandi bacurumba muri vyinshi? Kugira uruhara mu busuku badahorereza vyabunguye gute bo n’imiryango yabo?
Ururirimbo rwa 73 n’isengesho