Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 15 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 15 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 39 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 8 ing. 1-7, n’inzitiro ku rup. 61-62 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 102-105 (Imin. 10)
No. 1: Zaburi 105:1-24 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma tudakwiye kunohokera ivyo twasize inyuma kugira dukorere Yehova—Luka 9:62 (Imin. 5)
No. 3: Imisa ntijanye n’Ivyanditswe—td 8B (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nufashe abashimishijwe batere imbere. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 187, ingingo ya 6, gushika ku rupapuro rwa 188, ingingo ya 3.
Imin. 20: “Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza.” Ibibazo n’inyishu. Nukoreshe amayagwa yo mu ngingo ya mbere n’iya nyuma mu gushikiriza intangamarara ngufi n’insozero ngufi. Nimba videwo idashobora kuboneka, nuganire n’abumviriza ku kigabane ca 1 c’igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba. Nuremeshe abavukanyi gushishikara ugusenga kwo mu muryango, kwitaba badahorereza amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro no kugira uruhara mu busuku badahorereza.
Ururirimbo rwa 47 n’isengesho