Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 9 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 9 NZERO
Ururirimbo rwa 53 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 15 ing. 8-12, n’uruzitiro ku rup. 118 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 29-33 (Imin. 10)
No. 1: Yesaya 30:15-26 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma Yezu ari we yari ashoboye gutanga incungu (td 16B) (Imin. 5)
No. 3: Abantu badatunganye bashobora gute kweza izina rya Yehova?—Mat. 6:9 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nubwire inkuru nziza abavuga urundi rurimi. Insiguro ishingiye ku Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2009, urupapuro rwa 3-4, ingingo ya 3-4.
Imin. 10: Siyansi nyakuri ivuga rumwe na Bibiliya. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2005, urupapuro rwa 6-7.
Imin. 10: “Nutere ibipfunsi ubigiranye ubukerebutsi.” Ibibazo n’inyishu. Igihe mwihweza ingingo ya 2, nubaze muri make umucungezi w’umurimo ibibanza umuntu ashobora gusangamwo abantu, imisi be n’amasaha ashobora kubasangaho.
Ururirimbo rwa 115 n’isengesho