Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 16 NZERO
Ururirimbo rwa 98 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 15 uruzitiro ku rup. 121 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 34-37 (Imin. 10)
No. 1: Yesaya 35:1-10 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Yehova arabereye ko tumwizigira—Zab. 25:1-5 (Imin. 5)
No. 3: Siyansi y’ukuri irashigikira inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema (td 17A) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Nutegere ico nyene kubaza yiyumvira. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, ku rupapuro rwa 66, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 68, ingingo ya 3. Nihagirwe umwerekano mugufi aho umwamamaji abazwa ikibazo, agaca yivugana ku bijanye n’ivyiyumviro be n’imyitwarariko nyene kumubaza ashobora kuba afise maze akamuha inyishu nziza.
Imin. 15: Mugumane ingeso nziza mu mahanga. (1 Pet. 2:12) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2010, urupapuro rwa 6-7 ingingo ya 16 be n’uwo ku wa 15 Nyakanga 2002, urupapuro rwa 9. Raba kandi igitabu c’umwaka (Annuaire) co mu 2011, urupapuro rwa 124 ingingo ya 1-2 be n’urupapuro rwa 150 ingingo ya 1-6. Saba abumviriza bagire ico bavuze ku vyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 97 n’isengesho